Ubutumwa: 62-1230e Migenzi Mbega Iki Ni Ikimenyetso C Iherezo?
- 25-0223 Mugenzi, Iki Ni Ikimenyetso c’Iherezo?
- 23-0625 Mugenzi, Iki Ni Ikimenyetso c’Iherezo?
- 22-0109 Mugenzi, Iki Ni Ikimenyetso c’Iherezo ?
- 18-1230 Mugenzi, Iki Ni Ikimenyetso c’Iherezo?
- 16-1218 Mugenzi, Iki Ni Ikimenyetso c’Iherezo?
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bagenzi nkunda,
Iki ni Ikimenyetso. Iki ni igihe. Ubu ni, Ubutumwa. Ibi ni, Ijambo. Iri ni Ijwi ry’Imana. Uyu ni, Umwana w’Umuntu. Iyi ni, inzira Imana Yatanze. Iki ni, igihe c’iherezo.
Nta muvugishwa, nta ntumwa, nta na rimwe, mu gihe ico ari co cose, yigeze abaho mu gihe nk’iki tubayemwo ubu. Vyanditswe mu kirere. Vyanditswe hejuru y’isi. Vyanditswe mu kinyamakuru cose. Iri ni iherezo, namba ushobora gusoma inyandiko y’ukuboko.
Uwufise ugutwi, ni yumve ivyo Imana Yavuze, kandi vyafashwe amajwi, rero ntivyoba ijambo ryanje, ivyiyumviro vyanje, ico ndavyibazako, ahubwo Ijwi ry’Imana nyene Ryigisha Umugeni WaYo ico ari co inzira yaYo YONYENE itunganye Yatanze y’uyu munsi.
Ngwino maze wumvirize mu gihe Itubwira kandi Iduhishurira biciye mu Vyanditswe, mu vyeretswe, biciye mu gusobanura indoto, kugira ngo ugumane n’Ubutumwa, ugumane n’ama bande. Vuga GUSA ibiri ku ma bande.
Nta bundi buryo bwiza, canke uburyo bwizewe kuruta kwumva Ijwi ry’Imana Rivuye ku Mana ubwaYo. Imana Yategetse Umugeni waYo mu kuvuga biciye ku muvugishwa waYo kandi Itubwira, GUFYONDA TUKAVUZA, nta bindi.
Rivuge, Ryigishe, Rishingire intahe, kandi uRibwire isi, ariko, Itubwira ko hariho uburyo bumwe bwonyene bwo gutunganya Umugeni: kwumviriza Ijwi ry’Imana ku ma bande. Namba hari ikintu kikuzazaniye, vuza iyo bande. Ritegerezwa kuba IRYA MBERE, kandi Ijwi rihambaye kuruta ayandi yose utegerezwa kwumviriza. Ni Ijambo RyaYo Ritunganye Yashize kuri bande.
Ubu gereranya mbere ivyo hamwe n’ibindi, indoto. Ibi vyari iyerekwa. Imfungurwa, ng’izi. Ikibanza ni iki.
Umviriza, mu ndoto n’ivyeretswe, Imfungurwa z’Umugeni Ziri hehe? None ikibanza ni ikihe? Ubutumwa bw’Umugeni buri ku ma bande.
Kandi ivyo bimeze nk’i muhira, kuri jewe. Aha ni ho hantu. Kandi namba mubibona, indoto zavuze co kimwe, murabona, aho Imfungurwa ziri.
Kugira ngo amenye neza ko twabitahuye, yongera kutubwira, ko ama bande ari Imfungurwa z’Umugeni.
“Nta gihe gisigaye.” Namba ari uko biri, reka twitegure bagenzi, guhura n’Imana Yacu.
Ego, Mwami, ico ni co cipfuzo c’umutima wacu, co kwitegurira guhura naWe, kuba Umugeni WaWe. None twokora iki ga Mwami? Uburyo bwaWe Watanze ni ubuhe? Umugambi waWe ni uwuhe? Uburyo bwaWe butunganye ni ubuhe? Waturungikiye umuvugishwa Woshobora kuvugiramwo ngo Utubarire. Ndagusavye Utwigishe.
Hariho Imfungurwa nyinshi Zashizwemwo ubu. Reka tuZikoreshe. Reka tuZikoreshe ubu.
Umuntu ashobora kuba impumyi gute? Atubwira ico dukora: hariho Imfungurwa nyinshi Zabitswe ku ma bande; muZikoreshe UBU. Iri ni ibwirizwa ry’Imana ku Mugeni WaYo.
Namba uvuga ko wizera ubu Butumwa, wizera William Marrion Branham ko ari intumwa muvugishwa w’Imana yarungitswe gusohora Umugeni; ubuzima bwiwe bushitsa ivyanditswe vyose vyamuvuzeko; wizera ko ari Ijwi ry’Imana ry’iki gihe, hanyuma YO; Imana, Ivugira mu muvugishwa waYo, Ibwira Umugeni mu congereza gisanzwe ico Akwiye gukora.
Naho dutwengwa, tugahamwa, tugakengerwa kubera twumviriza gusa ama bande , turiko turakora neza neza ivyo Yatubwiye gukora. Urakoze Mwami ku Guhishurirwa.
Ndashaka gutumira isi ngo yifatanye natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe twumviriza: “Mugenzi, Mbega Iki Ni Ikimenyetso C’Iherezo ?” Tuzoba turiko twumviriza vyose ku vyerekeye:
Imituragaro, Udushashara Indwi, Urutare mw’iforoma ya Piramide, Imfungurwa za Mpwemu, Ibihe Bidashira, Umugwi w’Abamarayika, Icicaro Canje Gikuru, Iyerekwa, Indoto, Ubuvugishwa, Amabanga Yanyegejwe, Ivyanditswe ku Vyanditswe.
Nta kintu gihambaye muri ubu buzima kiruta kwumviriza no kwumvira Ijwi ry’Imana.
MweneData Joseph Branham.
Ivyanditswe:
Malaki Igice ca 4
Uwera Matayo 13:3-50
Abaroma 9:33/11:25/16:25
1 Ab’i Korinto 14:8 / Igice ca 15
Ab’i Galatiya 2:20
Abanyefeso 3:1-11 / 6:19 / 5:28-32
Ab’i Kolosayi 4:3
1 Ab’i Tesalonike 4:14-17
1 Timoteyo 3:16
Abaheburayo 13:8
2 Petero 2:6
Ivyahishuriwe Yohana 1:20/3:14/5:1/6:1/10:1-7/Igice ca 17