25-0216 Iyinga Rya Mirongirindwi Rya Daniyeli

Ubutumwa: 61-0806 Iyinga Rya Mirongirindwi Rya Daniyeli

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Mureretse & Murindiriye,

Hariho umunezero hagati mu Mugeni nk’uko bitigeze bibaho mbere. Dufise igishika cinshi; umwaka wacu wa yubire witeguye kuba. Umugeni Yarindiriye igihe kirekire cane ko uwo munsi ushika. Iherezo ry’igihe c’Abanyamahanga rirashitse kandi intango y’ibihe bidashira hamwe n’Umwami Wacu izotangura vuba.

Turatahura igihe tubayemwo mu kwumva Ijambo. Igihe caraheze. Igihe c’Izamurwa kiri hafi. Twarashitse. Mpwemu Yera Yaraje maze Ahishurira Umugeni wiWe ibintu vyose bikomeye, vyimbitse, vy’ibanga.

Turondera Imana n’intege zacu za nyuma; twitegura. Twarikuye ibintu vyose vy’iyi si. Imyitwarariko y’ubu buzima ntaco itubwiye. Ukwizera kwacu kwashitse ku rwego rwo hejuru kuruta uko vyari bimeze mbere. Mpwemu Yera Ariko Araha Umupfasoni wiWe Yatowe Ukwizera kw’Izamurwa, ku buryo Ashobora kuza maze Akamutwara

Aya mahinga mirongo intandatu n’icenda vyarahuye neza ; ukugenda kw’Abayuda kwarahuye neza ; igihe c’ishengero carahuye neza. Turi mu gihe c’iherezo, igihe c’iherezo, igihe c’ishengero rya Lawodikiya, iherezo ryaco. Intumwa nyenyeri bose baravuze ubutumwa bwabo. Bwaratangajwe. Tubandanya gusa ku muvuduko.

Mbega igihe c’amayobera turiko turabamwo, ni igihe kigoye kuruta ibindi vyose mu gihe umwansi ariko aratera abantu bose nk’uko atigeze mbere. Ariko ata ivyo afise vyose kuri twebwe. Ari mu kwihebura, kuko azi ko igihe ciwe cashitse kw’iherezo.

Ariko muri ico gihe nyene, ntitwigeze tugira umunezero nk’uwo mu buzima bwacu.

• Ntitwigeze twegera Umwami nk’uko bimeze.
• Mpwemu Yera Yuzura agace kwose k’umubiri wacu.
• Urukundo dufitiye Ijambo ryiWe ntirwari bwigere ruba uruhambaye.
• Uguhishurirwa kwacu kw’ijambo ryiWe kwuzuza umushaha wacu.
• Turiko turatsinda umwansi wese dukoresheje Ijambo.

KANDI, ntitwigeze tumenya neza abo turi bo :

• ABATORANIJWE
• ABATOWE
• ABAHISWEMWO
• URUBUTO CAMI
• ABAKUNDWA
• AB’IBIHE BIDASHIRA, ABAMBAYE IMVUNE ZERA, ABAPFASONI BA YESU, ABUMVIRIZA BANDE, ABAMURIKIWE, INKUMI ZITAKOZWEKO, ZUZUYE MPWEMU, ABADATSINDWA, ABAGIZWE ABANA, ABATAVANZE, UMUGENI JAMBO W’INKUMI.

Ni igiki kizokurikira? Ibuye ririko riraza. Turareretse ; turarindiriye kandi turasenga umunota wose w’umusi wose. Nta kindi gihambaye atari ukwitegurira ukuza kwiWe.

Si, “Turavyizigiye”, TURABIZI. Nta gukekeranya kukiriho. Mu kanya gatoyi, mu kanya nk’ako gukubita urugohe bizohera, kandi tuzoba turi ku rundi ruhande n’abakundwa bacu bose na WE ku Mazimano yacu y’Ubukwe.

KANDI IYO NI INTANGO GUSA…KANDI NTA HEREZO!!

Ni muze mwitegurire ayo Mazimano y’Ubukwe hamwe natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu zo ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe Imana Ivugira mu mumarayika waYo w’inkomezi, uwo Yarungitse kurongora Umugeni WaYo, mu gihe avuga, kandi ahishura, amabanga yose y’Imana.

MweneData Joseph Branham.

Ubutumwa: 61-0806 – Iyinga Rya Mirongwirindwi Rya Daniyeli