Ubutumwa: 61-0730E Intumbero Zitandatu Zatumye Gaburiyeli Agendera Daniyeli
- 25-0209 Intumbero Zitandatu Zatumye Gaburiyeli Agendera Daniyeli
- 16-1125 Intumbero Zitandatu Zatumye Gaburiyeli Agendera Daniyeli
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni Anezerwa,
Twatumbereje amaso yacu mw’Ijuru mu gusenga no mu kwinginga kugira ngo tubone umunsi n’isaha nyene tubayemwo.
Nk’uko bitigeze bibaho mbere, twicaye ahantu ho mw’ijuru, tuvuye hirya no hino kw’isi, twumva Imana Ivuga kandi Ihishura Ijambo ryaYo biciye ku ntumwa mumarayika waYo w’inkomezi. Intumwa mumarayika wo kw’isi Data Yarungikiye Umugeni wiWe muri iki gihe ca nyuma kugira ngo ahishure Ijambo ryaYo.
Gaburiyeli ni umumarayika kw’ihanga ry’Imana ryatowe, Abayuda. Ariko ku Mugeni waYo w’Umunyamahanga, Melekisedeki ubwiWe Yaraje Avugira mu mubiri w’umuntu mu mumarayika wo kw’isi yitwa William Marrion Branham, ku buryo Yashobora kuvuga no guhishurira Ijambo ryiwe RYOSE Umugeni wiWe mukundwa akunda.
Yari yaRifashe ijwi, araRibika, araRizigama, ku buryo Umugeni Yoronka Imfungurwa ziWe za mpwemu, Manu Yanyegejwe, ku ntoke zabo umunota wose w’umunsi wose gushika kw’iherezo ry’igihe.
Umuntu wacu w’imbere yuzuye mwene ukwo gusigwa mu gihe twumva Ijwi ry’Imana Riduhishurira Ijambo ryaYo. Ukuntu Ipfukura Ijambo ryaYo kugira ngo tubone neza kandi dutahure insobanuro yaRyo. Ni uguhishura igihe nyene tubayemwo, Ikatubwira abo turi bo n’ibizoba vuba cane; Izamurwa ryacu rigiye kuza vuba.
Mbere ariko ahishurira Umugeni waYo ibizoba hano kw’isi mu gihe tuzoba turi kumwe na we ku Mazimano y’Ubukwe. Ingene azohumura amaso yahumye y’ihanga ryaYo Yatoye; abo Yahumishije amaso kubera Umugeni wiwe w’Umunyamahanga.
Bagenzi banje, ndazi ingene turushe cane n’iyi si kandi twipfuza ukuza kwaYo kugira ngo Itujane, ariko kandi reka tunezerwe kandi dukenguruke ibiriko biraba ubu nyene imbere y’amaso yacu.
Tuduze ibiganza vyacu, imitima yacu, amajwi yacu kandi tunezerwe. Si uko gusa turindiriye ivyo Igiye kudukorera vuba cane, ariko reka tunezerwe kuvyo Iriko Iraduhishurira kandi Idukorera UBU nyene.
Iriko Iratubwira ko turi Umugeni waYo Yatoranije twifatanya na Yo n’Ijambo RyaYo. Ariko aratwizeza kenshi, ko turi mu Bugombe bwaYo butunganye mu kugumana n’Ijwi ryaYo, Ijambo ryaYo, umumarayika waYo. Yaduhaye UKWIZERA mu kumenya no kwemera abo turi bo:
IJAMBO RYAYO RIBA MU MUBIRI.
Nta na kimwe dufise co gutinya; Nta na kimwe co kwiganyira; Nta na kimwe co kutubabaza. None ivyo ndabimenya gute? IMANA YARABIVUZE ! RERO TUNEZERWE, DUHIMBARWE, DUKENGURUKE ; IJAMBO RIZIMA RIBAHO KANDI RIGERERA MURI TWEBWE. TURI URUBUTO CAMI RWAYO RUDASANZWE.
Nizera vy’ukuri ko Umwami na we nyene ategerezwa kunezerwa mu kumenya ko igihe cashitse kandi ko twiteguye mu kuguma turi ab’ukuri n’abizigirwa kw’Ijambo ryiWe.
Nka ka gahungu gatoyi karavye mu cirore ubwa mbere, natwe turiko turaraba mw’Ijambo Ryiwe, tukabona abo TURI BO. Mwami…NI JEWE. Ndi Ijambo Mugeni Ryawe Rizima. Ndi uwo Wahisemwo. Ndi muri Wewe, Uri muri jewe, turi Umwe.
None twoshobora gute kudahimbaza no kuba abantu bahimbawe kuruta abandi bose babayeho kw’isi? Abera bose n’abavugishwa bose b’imbere yacu baripfuje kubaho muri iki gihe no kubona aya masezerano ashika. Ariko kubw’UBUNTU bw’Imana, Yadushize ng’aha.
Ntidushobora kurindira:
Yooo! Mana weee! Fiuuu! Mu yandi majambo, igihe umwansi yamaze kwirukanwa, iherezo ry’icaha rirashika, ukuzana ubugororotsi buhoraho kurashika, Shetani yugaranirwa mu mwobo w’i kuzimu, kandi ubumenyi bw’Uhoraho buzopfuka isi nk’uko amazi atwikira ikiyaga. Amen! Imana Ihabwe Icubahiro! Biraje, mweneData, biraje !
Mbega ugusigwa kuzoba ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe tuzokoranira hamwe tuvuye hirya no hino kw’isi kugira ngo twumve umumarayika w’Imana, Ijwi ry’Imana ku Mugeni, Rituzanira Ubutumwa: 61-0730E Intumbero Zitandatu Zatumye Gaburiyeli Agendera Daniyeli.
MweneData Joseph Branham