Ubutumwa: 61-0618 Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Gatanu Igihimba Ca II
- 25-0126 Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Gatanu Igihimba Ca II
- 16-0501M Ivyashuriwe Yohana Igice Ca Gatanu Igihimba Ca II
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi Baruhutse,
Mu vy’ukuri uru Rushana ni rwo rwiza kuruta urundi mu buzima bwacu. Ukuza kw’Umwami kuregereje. Twarashizweko ikimenyetso na Mpwemu Yera ; Ikimenyetso c’Imana c’icemezo ko ibintu vyose Kristo Yapfiriye ari ivyacu.
Ubu dufise ingwati y’iragi ryacu, ni Mpwemu Yera. Ni ivyizigiro, ni ingwati, y’uko twakiriwe muri Kristo. Turiko turaruhukira mu masezerano y’Imana, turyamye mu bushuhe bw’Umuco w’Izuba ryaYo; Ijambo RyaYo Ryagaragajwe, twumviriza Ijwi RyaYo.
Ni ingwati y’agakiza kacu. Ntiduhagarikishwe umutima n’uko tuzojayo canke tutazojayo, TUZOGENDA ! Tubizi gute? Imana ni ko Yabivuze! Imana Yarabisezeranye kandi twararonse ingwati. TwaraMwakiriye kandi Kristo Yaratwemeye.
Nta buryo bwo kuMuvako…mu vy’ukuri, turi ng’aho! Ico dutegerezwa gukora ni ukurindira gusa; Ari ng’aha akora igikorwa c’Incuti Mucunguzi ubu nyene. Turafise ingwati yavyo ubu nyene. Turarindiriye gusa igihe Azogaruka ku bwacu. Maze, mu kanya gatoyi, mu kanya nk’ako gukubita urugohe twese tuzoba twagiye ku Mazimano y’Ubukwe.
Kwibaza ko ivyo bintu vyose biri imbere yacu biturindiriye. Birengeye ivyo ubwenge bwacu bushobora kwakira. Umunsi ku munsi Ariko Arahishura vyinshi mw’Ijambo ryiWe, Aduhumuriza ko ayo masezerano ahambaye ari ayacu.
Isi iriko irasenyuka; umuriro, nyamugigima, n’akajagari ahantu hose, ariko bizera ko bafise umukiza mushasha azokiza isi, kandi akaza abazaniye igihe cabo c’inzahabu. Tweho twaramaze kwakira Umukiza wacu kandi haheze igihe tubaye mu gihe cacu c’inzahabu.
Ubu Ariko Aradutegurira uguhishurirwa kwinshi mu gihe twinjira mu gice ca 5 c’Ivyahishuriwe Yohana. Ng’aha Ariko Arategura urubuga rw’iyugururwa ry’Udushashara Indwi. Nk’uko Yabikoze mu gice ca 1 c’Ivyahishuriwe Yohana, Yugurura inzira y’Ibihe Indwi vy’Ishengero.
None igihe gisigaye c’Urushana kizoba kimeze gute ku Mugeni? Reka turabe imbere y’igihe gatoyi:
Ubu, nta mwanya mfise. Naravyanditse, ibivyerekeye ngaha, ariko igikorane cacu gikurikira mbere y’uko dushobora kwinjira muri ibi…Kumbure ninava mu kiruhuko canje canke ikindi gihe, nshaka kuronka ayo mayinga mirongo indwi ya Daniyeli nkayafatanya nyene n’ibi, kandi nkerekana aho ajana muri Yubile ya Pentekote, kandi ndabigarure n’ivyo vya… indwi kuri utwo dushashara indwi dutegerezwa kwugururwa hano imbere gato y’uko tugenda, kandi twerekane ko ari kw’iherezo, ibi…
Mbega ibihe vyiza Umwami Afitiye Umugeni wiWe Atwihishurira mw’Ijambo ryiWe nk’uko bitigeze bibaho mbere. Aturemesha ko turi abo Yahisemwo Aje kurondera. Atubwira ko turi mu bugombe bwiWe Butunganye mu kugumana n’Ijwi ryiWe, n’Ijambo ryiWe.
Turiko turakora iki? Nta kintu na kimwe, kiretse Ukuruhuka gusa! Turarindiriye! Nta yindi mibabaro, nta kundi guhagarika umutima, TURIKO TURABIRUHUKIRAKO!
Ngwino muruhuke hamwe natwe kuri uyu w’iyinga isaha 6 zo ku mutaga k’isaha y’i Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mugihe twumviriza Ijwi ry’Imana RYAGARAGAJWE Rituzanira Ubutumwa:
61-0618 “Ivyahishuriwe Yohana, Igice Ca Gatanu Igihimba Ca 2″
MweneData Joseph Branham.