Ubutumwa: 64-0830M Ibibazo n Inyishu 3
- 26-0208 Ibibazo n Inyishu #3
- 24-0512 Ibibazo n Inyishu #3
- 22-1016 Ibibazo n Inyishu #3
- 18-0218 Ibibazo n Inyishu #3
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Wavutse Kuri Kristo,
Ni gute umuntu yoshira mu majambo asanzwe urukundo n’umunezero biri mu mitima yacu vyo kuba tuzi Uguhishurirwa kw’ukuri kw’Ijambo RyiWe ry’iki gihe cacu? Kwiyumvira, ko ataco twari dufise, ariko WE, NDIHO Ahambaye, mu guhitamwo kwiWe, Yadutoranirije kugira ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose Yoshobora kuduha, UGUHISHURWA KW’IJAMBO RYIWE RY’IGIHE CACU.
Yararindiriye, gushika ukunengesera kw’igihe kigeze, ngo Ahumekere impwemu z’ubuzima muri twebwe, ku buryo twoshobora kuMwumva kandi Atubwira ati :
Ubu, naragerageje uko Nshoboye kwose ku—ku—ku kubabwira no kubarongora nk’uko umu papa yorongora abana biwe. Muri abana banje; Nabavyaye kuri Kristo biciye muri ubu Butumwa Bwiza mvuga. Murabona ? Kandi nda—nda—ndashaka ko mucika abana, canke—canke abana bakuze neza. Kandi ndashaka kubashikiriza Kristo uwo munsi, nk’uko Paulo yavuze ati: “Inkumi Itunganye.” Nta kintu kiri muri iryo Jambo atari ico umutima wawe uzoshigikisha “amen”.
Imana, Ivuga biciye mu mumarayika waYo w’inkomezi, iriko iratuyobora kandi ikaturongora, twebwe Umugeni wa Yesu Kristo. Turi abana baYo b’inkumi itunganye, bakuze neza. Kandi kubw’ubuntu bwaYo butangaje, dushigikisha Ijambo Ryose twumva na AMEN! Ni insiguro itunganye y’Ijambo ifise icemezo c’Imana!
• Namba Ijwi twumva ku ma bande ari: insiguro itunganye y’Ijambo, ni igiki kindi Umugeni wa Yesu Kristo Akeneye?…NTA NA KIMWE !
Yahisemwo TWEBWE, umugwi mutoya Yatoye n’ikiganza caYo, kugira ngo tugire Uguhishurirwa kw’ukuri kw’Ijambo RyaYo kw’iki gihe cacu. Turi abo Yatoye kuba kw’isi, mu mibiri twambaye, mu kiringo c’Inganji y’Imyaka Igihumbi.
Bagenzi banje, reka tuvyiyumvireko umunota umwe.
Tuzogira umubiri w’ubwiza ng’aha nyene kw’isi. Tuzoba turiko turarya, tunywa, twubaka amazu, tubayeho nk’uko tubayeho ubu mu gihe c’imyaka igihumbi. Kizoba ari igihe c’inkinga yacu aho Umugeni (Twebwe) n’Umukwe (Umwami Yesu Kristo) bazoba bahindutse UMWE.
Turategereje kandi turindiriye iki gihe c’ubwiza umunota wose w’umunsi uwo ari wo wose. Biri hafi cane bisa n’uko twoshobora hafi kubikabakaba. Nizera, n’umutima wanje wose, ko ibi arivyo biriko biratubako uno munsi:
Yooo, ubwo bumwe bwo muri mpwemu bwa Kristo n’Ishengero RyiWe ubu, igihe umubiri uriko urahinduka Ijambo, kandi Ijambo Ririko Rirahinduka umubiri, Rigaragazwa, Ryemezwa. Ivyo Bibiliya Yavuze nyene ko vyoshika muri iki gihe, biriko birashika ubudasiba. Yemwe, biriko birarundana cane hariya, muri ubwo bugaragwa, kandi ni ibintu biriko biraba, ku buryo bingora no kubikurikira. Turi hafi y’Ukuza kwa Yesu, ategerezwa kwiyunga n’Ishengero RyiWe, aho Ijambo Rihinduka Ijambo.
Ku Butumwa bwose twumviriza, Arushiriza kuduha Uguhishurirwa. Biriko birarundana vuba cane ku buryo bitugora gukurikira. Turabona Ijambo Rihinduka Ijambo nk’uko bitigeze kubaho. Nta gukekeranya na kumwe; mu Guhishurirwa, TURAZI neza na neza abo turi bo.
Ariko arahuza Umugeni WiWe nk’uko Yavuze ko Yobikoze, kandi turi igice cavyo. Turabona Biriko biraba n’amaso yacu bwite. Abandi boshobora kutabibona canke kutabitahura. Si ivyabo, NI IVYACU, TWEBWE ABANA BIWE YAVYAYE.
Umugeni Yari Afise ibibazo vyo kubaza uwo muvugishwa.
Mbega kwumviriza VYONYENE Ijwi ry’Imana riri ku ma bande birahagije? Imana YarishuYe kandi Yavuze ngo: EGO!!
Mbega abana bacu na bo bashobora kuronka ivyo bakeneye vyose kugira babe Umugeni wa Kristo mu kwumviriza gusa ama bande : EGO!!
Gutyo, ivyo Umugeni Akeneye vyose biri KU MABANDE.
Turazi kandi ko Imana Yatanze izindi nzira nyinshi cane ku bana bayo.
“Imishishagu yiWe ni yo idukiza.” Rero, ubwa mbere Ijambo Rivuga gutyo, ku buryo vyotegerejwe kuba bihagije, ariko namba utavyizera mw’Ijambo, rero hariho ingabire mw’Ishengero, nk’abagabo bahumekewe kumenya ingene bigisha ivyo, bazobigutahuza, ivyo nivyo, n’ukwizera kwo kwizera.
Turakengurukira cane Imana Yatanze abagabo bahumekewe kumenya ingene bigisha gukiza indwara hamwe n’Ijambo RyaYo no gutuma Rigaragarira abandi, ariko Umugeni WaYo Ashaka INZIRA YaYo ITUNGANYE IHAGIJE YATANZE. Ni vyo DUKENEYE vyonyene.
Ndipfuza kubatumira kuza kwifatanya na Branham Tabernacle kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza: Ibibazo n’Inyishu #3 64-0830M.
Ese ukuntu ari vyiza cane kwumviriza Uguhishurirwa kw’Ijambo RyaYo no kumenya ko turi Ijambo Ryihaye umubiri.
MweneData Joseph Branham