Ubutumwa: 63-0901m Ikimenyetso
- 25-1005 Ikimenyetso
- 23-1217 Ikimenyetso
- 22-0605 Ikimenyetso
- 21-1219 Ikimenyetso
- Ijambo ry’Umunsi / Umutsima wa Buri Musi
- 20-0315 Ikimenyetso
- 19-0825 Ikimenyetso
- 17-0820 Ikimenyetso
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugenzi w’Ikimenyetso,
Iyo duhuriye hamwe, ntituvuga gusa ivy’Ubutumwa, duhurira hamwe kugira ngo dushireko Amaraso, dushireko Ikimenyetso; kandi Ikimenyetso ni Ubutumwa bw’igihe! Ubwo ni bwo Butumwa bw’uyu munsi! Ubwo ni bwo Butumwa bw’iki gihe.
Twarishizeko ico Kimenyetso, ku ngo zacu no ku miryango yacu. Ntiduterwa isoni. Ntitwitaho uwubizi. Turashaka ko umuntu wese abimenya, uwurengana wese kugira ngo abone kandi akamenya ko : Turi Abantu b’Amabande. Turi Inzu y’Amabande. Turi Umugeni w’Amabande w’Imana.
Mpwemu Yera = Ikimenyetso = Ubutumwa. Bose ni kimwe. Ntimushobora kubitandukanya. Data, Umwana, Mpwemu Yera = Umwami Yesu Kristo. Ntimushobora kubitandukanya.
Ubutumwa = Intumwa. Uko abanegura bovuga kwose, UMUVUGISHWA YAVUZE, ko udashobora kubatandukanya.
Imana ni umunezero wawe. Imana ni inkomezi zawe. Kumenya ubu Butumwa, kumenya ko Ari Ukuri kwonyene, kumenya ko Ari Ikimenyetso, ni co kiduhagije. Bamwe bashobora kuvuga bati, “NdaBwizera. NdaBwizera. Nizera ko ari Ukuri. NdaBwakira nk’Ukuri.” Ivyo vyose ni vyiza, ariko yamara Butegerezwa gushirwa mu ngiro.
Umuvugishwa yavuze ko ubu Butumwa ari Ikimenyetso c’iki gihe. Ubu Butumwa ni Mpwemu Yera. Namba ufise Uguhishurirwa ukwo ari kwo kwose kw’ubu Butumwa urashobora kubona neza igihe tubayemwo. Benshi cane bavuga bati: “NdaBwizera. Imana Yarungitse umuvugishwa. Ni Ubutumwa bw’igihe,” ariko bakirata mu kuvuga ko batavuza, kandi ko batazovuza, Ijwi nyene ry’Ikimenyetso mu mashengero yabo.
Imana ntiyavuze biciye ku mumarayika waYo w’inkomezi ngo Ivuge ikintu gusa kiretse gifise insiguro. Yatubwiye ko atwigisha akoresheje ibigereranyo n’ibitutu. Muri ubu Butumwa, umuvugishwa yinjira mw’ido n’ido kugira ngo atubwire ivyo Rahabu n’umuryango wiwe bakoze kugira ngo BAROKOKE, babe Umugeni. Yaratomoye neza ivyo yakoze.
Igihe abahungu b’amabande bavuza “BANDE”…Rindira gato, iyo ntumwa yakoze iki? Yavugije Bande. None yakoze iki? Yahinduye inzu yiwe ISHENGERO ry’AMABANDE. Ntiyagira isoni zo kuvuga ati: «Raba uwo mugozi utukura, ivyo bisigura ko ndi ISHENGERO RY’AMABANDE».
Wibaza ko iyo avuga ati: “Ego, nizera intumwa n’Ubutumwa, ariko ntitukivuza ama Bande mw’ishengero ryacu. Mfise umwungere avuga ngo OYA, ni uwo kuvuga ubutumwa gusa no gusubiramwo ivyo ama bande avuga.” None mwibaza ko yari kurokoka… ???
Yarashizeko ikimenyetso, kandi inzu yiwe yarakijijwe, atari uko yari guhonera hariya aho yari ari.
Mwarumvise ko abakozi b’Imana benshi biregura ku bijanye no kuvuza ama bande, ariko benshi muri bo bose bavuga bati: “Umuvugishwa ntiyigeze avuga ngo muvuze ama bande mw’ishengero.”
Uwo muvugishwa yavuze ko Rahabu yahinduye inzu yiwe ishengero, kandi ishengero ryiwe ryaravuza ama Bande. Kandi kuko yavuza Amabande mw’ishengero ryiwe, we, n’Ishengero ryiwe ryose ry’Amabande, bari munsi y’Ikimenyetso kandi bararokotse. Irindi shengero ryose ryarahonye.
BeneData na bashikanje, ndabasavye, simvuze ko umwungere adashobora kuvuga ubu Butumwa, canke ko ari bibi iyo abikoze. Mu buryo bwanje, ndiko ndavuga ubutumwa ubu biciye muri iri kete, ariko ugurura umutima wawe kandi wumvirize ivyo umuvugishwa ariko aravuga n’ivyo avuga akugabisha. Nimba uri umwungere atavuza, canke atazovuza ama bande mw’ishengero ryawe mu gutanga ubwoko bunaka bw’urwitwazo; uko vyoba biri kwose, bivanye n’Ijambo, naho yovuga gute ko yizera Ubutumwa bw’igihe, bivanye n’ivyo nizera Ijambo Rivuga, Ikimenyetso, Ubutumwa bw’iki gihe, Ntikiriko kirashirwako.
Kuri uyu w’iyinga, ndabatumiye kuza kwumviriza hamwe na Branham Tabernacle isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), Ubutumwa: Ikimenyetso 63-0901M. Nimba udashobora kwifatanya natwe, uravuza Ubutumwa ubwo ari bwo bwose bw’Ikimenyetso, maze Ugishireko.
MweneData Joseph Branham.
Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:
Itanguriro 4:10
Kuvayo igice ca 12
Yosuwa igice ca 12
Ivyakozwe n’Intumwa 16 :31 / 19 :1-7.
Abaroma 8:1.
1 Ab’i Korinto 12:13
Abanyefeso 2:12 / 4:30
Abaheburayo 6:4/9:11-14/10:26-29/11:37/12:24/13:8, 10-20.
Uwera Yohana 14:12