24-0519 Ibibazo n Inyishu #4

Ubutumwa: 64-0830E Ibibazo n Inyishu #4

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Muryango w’Amabande,

Nshaka kuvuga mwebwe, umuryango wanje, n’umuryango uri mw’isi aho tu… aho amabande yacu aja.

Abo ni twebwe, Umuryango w’Amabande w’umuhanuzi, abana biwe bakwiragiye mw’isi, abo yavyariye Kristo. Abo Data Yahaye Uguhishura kwiWe Bwite muri iyi minsi ya nyuma.

Ndashaka kubakoraniriza hamwe bose muri iyi minsi, murabona, Data Azobikora, hanyuma rero tuzo—tuzogira Imuhira aho tutazotegerezwa gusubira kuja hirya no hino.

NDASHAKA KUBABONA BOSE BARI HAMWE. Biriko birashika ubu nyene. Ubu Butumwa, Ijambo RyiWe, aya Mabande ariko arakora neza na neza ivyo : gukoraniriza Umugeni hamwe, kudushira hamwe nk’UMUNTU UMWE kw’isi yose. Nta na kimwe kiretse Ijwi RyiWe ; Ijwi Ry’Imana ku mabande, rishobora gukoraniriza Umugeni WaYo hamwe.

Kandi mwebwe, iyo mwuzuye Mpwemu, ng’ico kimwe mu bimenyetso vyiza gusumba ibindi nzi : muba mu rukundo na Kristo kandi mwizeye Ijambo Ryose Avuga ko ari Ukuri. Murabona ? Ico ni ikimenyamenya ko mufise Mpwemu Yera. Kandi ubuzima bwanyu bwuzura umunezero, kandi—kandi yooo Mana Wee, ikintu cose kiba gitandukanye (murabona ?) n’uko vyari bisanzwe. Uwo ni Mpwemu Yera.

Imitima yacu, ubwenge n’ubugingo vyuzuye rwose umunezero, urukundo n’Uguhishura, dushobora kwigumya bigoranye. Ubutumwa bwose twumviriza buzana Uguhishura kurushirije. Tubona abo turi bo n’ivyo dukora kugira ngo tube mu Bugombe bwiWe Butunganye. Nta na kimwe gishobora kudukura ku co Imana Yashize mu mitima yacu. Gufyonda tukavuza ni Inzira Imana Yatanze y’iki gihe. Nta gucacisha, nta kwizigira, nta kubaza Mpwemu Yera tuti, “Mbega ivyo mpejeje kwumviriza n’Ijambo Ry’Ukuri ?” “Mbega ndakeneye kubisuzumisha Ijambo ?”

Si twebwe. Ivyo twumviriza kumabande NI IJAMBO. Iryo Jambo twumviriza ni ryo JAMBO RYONYENE Ryagaragajwe na Mpwemu Yera ubwiWe, Inkingi y’Umuriro, ko ari Uko niko Uhoraho Agize ku Mugeni.

Namba umuntu munaka atubwiye ati, « Hariho vyinshi vyavuzwe kumabande yari mweneData Branham gusa avuga, atari Ijambo Risizwe. Yari umuntu gusa. Mpwemu Yera Yaraturongoreye ku co ari co Ijambo kandi ivyo yari mweneData Branham gusa yavuga. »

Si kuri twebwe. Twizera gusa ivyo umuhanuzi yatubwiye kutazokwigera twibagira.

Ndashaka ko mutazokwigera mwibagira iryo Jambo. Ivyo Mose yavuze, Imana Yaravyubahirije, kuko Ijambo Ry’Imana Ryari muri Mose.

Ntituzokwigera twibagira ivyo umuhanuzi yavuze, kandi turaVyizeye ; kuko Vyanditswe n’ikaramu y’icuma mu mitima yacu. Ivyo yavuze kumabande, Imana YaraVyubahirije, kandi turaVyizeye.

Nta teka rihambaye nko kwicara no kwumviriza Ijwi Ry’Imana Rivugana natwe. Izoba Iriko Iravugana n’Umugeni WaYo kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), kandi Yishura ibibazo : Ibibazo n’Inyishu 4, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 30 ku mugoroba, ukwezi kwa myandagaro, umwaka wa 1964. Ndipfuza kubatumira gufatanya natwe. Ni ingingo mutazokwigera mwicuza.

MweneData Joseph Branham.