25-1116 Kristo Yagaragajwe Mu Bihe Vyose

Ubutumwa: 64-0617 Kristo Yagaragajwe Mu Bihe Vyose

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Jambo ry’Imana Rizima,

Iyi myaka yose nabihishije mu mutima wanje, ntwikira Kristo, iyo Nkingi nyene y’Umuriro Isobanura Ijambo, nk’uko vyasezeranywe.

Ndazi ko ibi bigiye kwumvikana nk’ibitari vyo ku bantu benshi, ariko niwihanganira gusa intumwa mumarayika w’Imana mu minota mikeyi, kandi ugasaba Imana ukundi Guhishurirwa, nizera ko We, biciye ku mfashanyo y’Imana n’Ijambo RyaYo, kandi bijanye n’Ijambo RyaYo, azoKuzana ng’aha nyene imbere yanyu. Imana, Yihishura kandi Yigaragaza, Isobanura kandi Ihishura Ijambo RyaYo.

Mbega umuvyuro wabaye muri uku kwezi guheze mu Mugeni wa Yesu Kristo. Imana, Yikurako umwitwikiro nk’uko bitigeze biba mbere, Ivugana n’Umukunzi WaYo, IMugaragariza urukundo, Imuhumuriza, Turi umwe na Yo.

Nta gushidikanya, nta gukekeranya, nta kwizibira, mbere nta n’igitutu c’ugukekeranya; Imana Yaraduhishuriye ko, Ijwi ry’Imana Rivugira ku ma bande ni INZIRA IMANA YATANZE KANDI ITUNGANYE KU MUGENI WAYO UYU MUNSI.

Yatanze iyi nzira ku buryo tutokwigera na rimwe dukenera kuyiyungurura, kuyitomora, kuyisigura, mugihe ihinyanyuwe n’umuntu mu buryo ubwo ari bwo bwose; wumvirize gusa Ijwi ry’Imana Risukuye Ribwira umwe wese muri twebwe umunwa ku gutwi.

Yari Izi ko iki gihe kizoza. Yari Izi ko Umugeni WaYo Ashobora kurya gusa iyo Manu Yanyegejwe, Imfungurwa z’Intama ZaYo. Nta kindi twokwipfuza kwumviriza atari Ijwi ry’Imana Rivuye ku Mana ubwaYo.

Twaratantabuye ico gihuzu tuja mu Bwiza bwa Shekinah. Isi ntishobora kubibona. Umuvugishwa wacu yoshobora kutavuga neza amajambo yiwe. Yoshobora kutambara neza uko bikwiye. Yoshobora kutambara impuzu z’abakuru b’idini. Ariko inyuma y’uwo mubiri w’umuntu, muri wo hari Ubwiza bwa Shekinah. Muri uwo hari ubushobozi. Muri uwo hari Ijambo. Muri uwo harimwo Umutsima w’ibiterekerwa. Muri uwo harimwo Ubwiza bwa Shekinah, ari bwo Muco Weza Umugeni.

Kandi gushika winjiye inyuma y’urwo rushato rw’igikoko bita tahashi, gushika uvuye mu rushato rwawe rwa kera, mu vyiyumviro vyawe vya kera, muri nemera zawe za kera, kandi ukaza mu Nyonga h’Imana; hanyuma Ijambo Rikaba ukuri kuri wewe, hanyuma ukavyuka ukaja mu Bwiza bwa Shekinah, ico gihe Bibiliya Ihinduka Igitabu Gishasha, ico gihe Yesu Kristo Ni Wawundi ejo, uno munsi, n’ibihe bidashira. Ubaye mu Nyonga hiWe, urya umutsima w’ibiterekerwa watanzwe gusa uwo munsi ku bizera, ku baherezi bonyene. “Kandi turi abaherezi, ubuherezi bw’ubwami, ihanga ryera, abantu bihariye, bashikanira Imana ibimazi vy’impwemu.” Ariko utegerezwa kwinjira, inyuma y’igihuzu, kugira ngo ubone Imana Ikuweko umwitwikiro. Kandi igihe Imana Ikuweko umwitwikiro, iryo riba Ijambo RyaYo Rigaragajwe.

Turi utuzeze kw’isi, ariko turanyuzwe no kumenya iyo Buro yacu iyo ari yo kandi turashima kuba turi abataye umutwe b’amabande biWe, bafatanijwe kugira bahuze n’Ijambo RyiWe, mu gihe ivyo bidukwegera kuri We.

Iyo utafatanijwe kugira uhuze n’ama bande, nta na kimwe uba uri atari umugwi w’imburakimazi!!!

Rero, mwitegereze, hariya, Imana! Yesu Yavuze ati, “Abo Ijambo Ryashitseko, biswe ‘imana,’” bari abavugishwa. Rero, uwo muntu ubwiwe ntiyari Imana, nk’uko umubiri wa Yesu Kristo utari Imana. Yari umuntu, Imana na Yo Yari Yitwikiriye muri We.

Imana, umunsi umwe Yitwikiriye inyuma y’inshato z’ibikoko bita tahashi. Imana, umunsi umwe Yitwikiriye mu mubiri w’umuntu witwa Melekisedeki. Imana, Yitwikiriye mu mubiri w’umuntu witwa Yesu. Imana, Yitwikiriye mu mubiri w’umuntu witwa William Marrion Branham. Imana, Yitwikiriye mu mubiri w’umuntu witwa UMUGENI WAYO.

Birahambaye cane kwibuka, ariko benshi cane barananirwa bakarondera ikindi kintu. Ikintu ca nyuma Aburahamu yabonye, ikintu ca nyuma kizoba imbere y’uko umuriro ugwa kandi ugacira urubanza isi y’Abanyamahanga, imbere y’uko umwana w’isezerano aza ku rubuga, ikintu ca nyuma ishengero giKristo rizobona gushika ku kugaragara kwa Yesu Kristo ni Melekisedeki, Imana Yagaragaye mu mubiri, Ihishurira Ijambo RyaYo Umugeni WaYo.

Nta na kimwe kindi kizoza. Nta na kimwe kindi casezeranywe mw’Ijambo RyaYo. Nta muntu, canke umugwi w’abantu bazoza gutunganya Umugeni.

Oya! Bashaka kuza hano mw’ishengero kubw’ugutungana. Murabona? Ko du—dufise ugufatanya hagati yacu ng’aha kw’ishengero, ariko ugutungana kuza hagati yacu n’Imana. Amaraso ya Kristo ni yo Adutunganya muri Mpwemu Yera.

Ubu Butumwa, Iri Jwi, Ijambo ry’Imana Ryemejwe, Ririko Riratunganya Umugeni wa Yesu Kristo.

Ndatumiye umwe wese muri mwebwe kuza kwumviriza hamwe natwe Ijwi ry’Imana mu gihe Ritunganya Umugeni WaYo kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi) mu gihe twumviriza: 64-0617 Kristo Yagaragajwe Mu Bihe Vyose.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’Ubutumwa:

Gusubira mu Vyagezwe 18:15
Zekariya 14:6.
Malaki 3: 1-6.
Uwera Luka 17: 28-30.
Uwera Yohana 1:1/4:1-30/8:57-58/10:32-39.
Abaheburayo 1:1/4:12/13:8.
Ivyahishuriwe Yohana 22:19