Ubutumwa: 65-1212 Ingaburo Yera
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni w’Ijambo Ryemejwe Ryonyene,
Ese ukuntu dushimira Mpwemu Yera kubera Uguhishura kw’ukuri kw’Ijambo RyiWe Ryemejwe kubwa kino gihe. Benshi bavuga ko bizera ko MweneData Branham ari umuvugishwa w’Imana ashitsa Ivyanditswe vyasezeranywe kuri we nyene, ariko Uguhishura kw’ukuri kw’Ijambo n’umugambi w’Imana bihishijwe bo.
Mu Butumwa bwose, ikete ryose ry’urukundo Umugeni yumviriza, Imana Iratwemeza ko turi mu Bugombe BwaYo butunganye mu kwumviriza Inzira Yatanze y’iki gihe, Ijwi ry’Imana Riri ku ma Bande.
Kandi dutegerezwa kuMukurikira, ni yo nzira yonyene yo kuronka Ubugingo Budashira. Rero uburongozi bw’Imana ni ubu: gukurikira Ijambo ry’igihe Ryemejwe na Mpwemu Yera.
Inzira YONYENE iguha Ubuzuma Budashira ni: Mpwemu Yera Akurongorera gukurikira Ijambo Ryemejwe. Ni nde afise Ijambo Ryemejwe ry’iki gihe ? Ni nde Imana Yatoye ngo asobanure Ijambo RyaYo? Ni nde Imana Yavuze ko ari Ijwi RyaYo ry’iki gihe? Ni nde Imana ubwo Yavuze ko ari umurongozi yemejwe kurongora Umugeni WaYo iki gihe? Igikorwa c’Imana ?
Ni nk’ivyo navuze ku giswi c’inkukuma, igihe cumva Ijwi ry’Umukwe, kaganye kuri Ryo, Ijambo ry’Imana Ryasizwe, Ryemejwe Ry’igihe ca nyuma.
Nowa yari Ijambo Ryemejwe ry’igihe ciwe.
Mose yari Ijambo Ryemejwe ryo mu gihe ciwe.
Yohana yari Ijambo ryemejwe.
Bashobora kuRihindukiza nkuko bashaka, canke bakaRiha insobanuro iyo ari yo yose bashaka, ariko:
WILLIAM MARRION BRANHAM NI IJAMBO RY’IMANA RYEMEJWE RY’IKI GIHE !!
Rero uburongozi bw’Imana ni ubu: gukurikira Ijambo ry’igihe Ryemejwe na Mpwemu Year.
Kandi kuvuza Ijwi ry’Imana Ryemejwe mw’ishengero ryawe si co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose Umugeni ashobora gukora? Birahambaye cane kwumviriza Ijwi Ritandukanye?
Mbega ni umugwi w’abagabo n’ibikorwa vy’Imana vyabo bizohuriza hamwe kandi birongore Umugeni? Mbega Umugeni azohurizwa hamwe n’ivyo umuvugabutumwa avuga? Bose bavuga ikintu gitandukanye, none twokurikira nde?
Mbega insobanuro yabo y’ubu Butumwa ni yo tuzocirirwako urubanza? Mbega barafise Inkingi y’Umuriro Yemeza igikorwa c’Imana cabo? Mbega insobanuro yabo y’Ijambo ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa cawe ?
Umuvugishwa yavuze ko Umugeni YOHURIZWA HAMWE. Niwibaze, ni igiki kizotuma ubu buvugishwa bushika kugira ngo Umwami Aze maze Azamure Umugeni WiWe?
Kandi rero, iyo abantu b’Imana batanguye gusubira gukoranira hamwe, haba ubumwe, haba ububasha. Murabona? Kandi igihe ihanga ry’Imana rizokoranira hamwe bimwe bishitse, nizera ko izuka rizoca riba. Hazoba igihe co kuzamurwa aho Mpwemu Yera Azotangura kurikoranya. Ba—bazoba ari inkehwa, ata gukeka, ariko hazoba ugukoranira hamwe guhambaye.
Mbega hazoba ikoraniro rikomeye ry’igikorwa c’Imana c’umuntu umwe, atari umuvugishwa w’Imana yemejwe? Mbega hazoba UMUGWI w’abakozi b’Imana kuko bamwe mu bakozi b’Imana b’igikorwa kirimwo bitanu bavuga ko mutokwigera NA RIMWE muvuza Ijwi ry’Imana mw’ishengero ryanyu, ko ari bibi. None rero bazorongora Umugeni?
NDABASAVYE MUMFASHE! NI UWUHE MUKOZI W’IMANA NOKURIKIRA, MU GIHE NSHAKA KUBA MURI IRYO KORANIRO RIHAMBAYE.
Bamwe bavuga ko abakozi b’Imana b’igikorwa kirimwo bitanu bizera uguhishurwa kw’Imituragaro Indwi bazoshikana Umugeni ku gutungana. Bamwe mu bakozi b’Imana b’igikorwa kirimwo bitanu bavuga ko iminsi y’igikorwa c’Imana c’Umuntu umwe yarangiye. Bamwe mu bakozi b’Imana b’igikorwa kirimwo bitanu bavuga ko dutegerezwa gusubira kuri Pentekote. Bamwe bavuga ko ubu Butumwa ATARI Icishimikizo Ntanyiganyizwa. Bamwe bavuga ko iyo uvuza ama bande uba uri uwizera ubumana. Bose bavuga ikintu gitandukanye, kandi BOSE bafise insobanuro zitandukanye, ivyiyumviro bitandukanye, ariko umwe wese avuga ko BArongowe na Mpwemu Yera.
NI UWUHE MUKOZI W’IMANA W’IGIKORWA KIRIMWO BITANU NOKURIKIRIRA? Igihe cose nzoba nkurikiye umwungere “WANJE” ari mu bafise igikorwa c’Imana kirimwo bitanu, nzoba Umugeni? Hariho “Imigwi” myinshi cane itandukanye y’abakozi b’Imana b’igikorwa kirimwo bitanu. Abo bakozi b’Imana 20 bahurira hamwe bagakora amakoraniro yabo, ariko ntibemeranya rwose n’abandi bakozi b’Imana 20 bafise amakoraniro atandukanye…ni irihe koraniro nojamwo kugira ngo nshike kugutungana kandi mbe mu bumwe…na bamwe muri bo…bose?
Kandi abantu bizera ko URU RUZAZANE RUZOHUZA NO GUSHIKANA UMUGENI KU GUTUNGANA ? Bose bavuga ko ari UMUKOZI W’IMANA W’UKURI W’IGIKORWA KIRIMWO BITANU YAHAMAGAWE N’IMANA. Ariko ntibariko barabajana ku BURONGOZI BW’UKURI BWA MPWEMU YERA, BARIKO BABIRONGORERAKO UBWABO NO KU GIKORWA C’IMANA CABO.
Kubwanje, ntukeneye mbere n’uguhishurirwa kugira ngo umenye ko ivyo bitoshobora kwigera BIHUZA canke BIRONGORA Umugeni wose. IJAMBO RYONYENE niRyo Rizohuza Umugeni, hakoreshejwe IJWI RY’IMANA UBWAYO RIRI KU MABANDE.
BeneData na bashikanje, vyoba vyiza mwikanguye nimba muriko murakurikira umwungere ariko aravuga ubutumwa gusa kandi asubiramwo Ijambo, ivyo bikaba ari vyiza cane kandi NICO NYENE yari akwiye kuba ariko arakora , ariko atababwira, kandi igihambaye kuruta vyose, ATAvuza IJWI RY’IMANA RIRI KU MABANDE MW’ISHENGERO RYANYU.
MweneData Branham yatubwiye ati:
Ubu, twasigiwe amabwirizwa atatu gusa y’Imana ya kamere : rimwe muri yo ni—ni isangira ryera, ukwozanya ibirenge, umubatizo wo mu mazi. Ivyo ni vyo bintu bitatu vyonyene. Ukwo ni kwo gutungana, muri ivyo bitatu, murabona.
Ndipfuza ko tugira Isangira Ryera n’Ukwozanya Ibirenge kuri uwu w’iyinga, Umwami Abishatse. Nk’uko twabigize muri kahise, ndabahimiriza gutangura isaha icumi n’imwe ku muhingamo kw’isaha y’aho uba. Naho MweneData Branham yavuze ko intumwa zagira Isangira Ryera igihe cose zakoranira hamwe, we yahisemwo kuyigira mu gihe c’umugoroba, kandi yavyita Ameza y’Umwami.
Ubutumwa n’igikorane c’Isangira Ryera bizoba biri kuri Voice Radio mu congereza, kandi hazoba n’umuhora wo kuvomamwo ico gikorwa, ku badashobora gushikira Voice Radio kuw’iyinga ku mugoroba.
MweneData Joseph Branham