25-0525 Kugirwa Abana bImana #4

Ubutumwa: 60-0522e Kugirwa Abana bImana #4

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi bahindutse,

Mu gufyonda tukavuza, twumviriza Ijambo ry’Imana Ritananirwa. Ni Ukuri kw’Ijambo Ryose, iryungane ryose ryaRyo. Twarahamagawe kandi twarazigamwe, turuzuzwa kandi twashizwe ku ruhande; twuzuye Mpwemu Yera, kandi ubu twaramaze gushika mu Gihugu ca Kanani. Ntidutinya na kimwe…NA KIMWE, turazi abo turi bo.

Kubera ko twagumanye n’Ijambo RyiWe, nk’uko Yadutegetse gukora, Agiye kutubwira ko Yadusigiye umugabane. Ivyo Wabikoze ryari ga Data? Igihe Nabahitamwo maze Nkashira amazina yanyu mu Gitabu c’Ubugingo c’Umwagazi w’Intama imbere y’ukuremwa kw’isi.

Igihe c’ukunengesera c’igihe caza, Narungitse Yesu Umwagazi w’Intama, Yishwe kuva isi iremwa, kugira ngo mushobore kuronka umugabane wanyu kuba abahungu n’abakobwa baNje, imana ntoya.

Nategerezwa kubasuzuma kugira ngo ndabe ko ata rwamo muvuza canke hari ibintu bijegajega imbere y’uko Ndabashira mu bibanza vyanyu.

  • “Mwizera ko kuvuza Ijwi RyaNje ku ma bande mw’ishengero ari bibi?”
  • “Ego, ntimukwiye kuvuza amabande mw’ishengero.”
  • “Muzicireko iteka. Muravuza urwamo.”
  • “Mwizera ko Ijambo Ryanje Riri ku mabande Rikeneye insobanuro?”
  • “Ego, Rikeneye umuntu aRisigura.”
  • Muravuza urwamo. Muzite hanze. Ntimuritegura.”

Igihe muzoba mwiteguye, muzovuga ngo “Amen” kw’Ijambo Ryose.

“Murizera ko Ndi Wawundi ejo, uno munsi n’ibihe bidashira?”

  • “Amen.”
  • “Murizera ko Ijwi RyaNje riri ku mabande ari Ryo JWI RIHAMBAYE CANE mutegerezwa kwumva?”
  • “Amen.”
  • “Murizera ko Ijwi Ryanje Riri ku mabande Rizohuza Umugeni?”
  • “Amen.”
  • “Mwizera ko umumarayika wanje w’inkomezi azobaNyereka ?”
  • “Amen.”

Muriko muregerana ubu. Narabasuzumye ko ata rwamo muvuza canke ata bintu bijegajega. Nditeguriye kwugara urugi. Nzobashirako Ikimenyetso CaNje. Mwararenganye isuzuma ryaNje.

Ubu reka ndababwire ikintu kimwe, bantu banje bakundwa b’agaciro bo mu bihugu vy’amabande; mu mahanga n’aho muri hose, ntimutinye. Vyose ni vyiza. Narabamenye imbere y’ukuremwa kw’isi. Nari nzi ko ivyo vyose vyobaye.

Ndaje kubwanyu vuba kandi ndabajane Ahantu hatagira urupfu, hatagira agahinda, hatagira ishari, hatagira na kimwe; hari ugutungana gusa, urukundo rutunganye.

Gushika ico gihe, ntimwigere mwibagira, Ndabahaye Ijambo Ryanje, MURI IJAMBO RYANJE Ryihaye umubiri. Namba mukeneye IKINTU COSE, mukivuge, hanyuma mucizere; Ni umugabane wanyu.

Ngiye gusubira kubarungikira Ijwi Ryanje kuri uyu w’iyinga kandi Ndabasigurire vyose. Ngiye gusubira kubabwira abo muri bo, aho muriko muraja, n’ingene hariya hameze, ubu nyene.

Ni muze mwifatanye n’Umugeni WaNje mu gihe Ndabicarika hamwe ahantu ho mw’Ijuru kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isana icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), maze muNyumvirize ndabashira mu kibanza canyu n’Ijambo RyaNje. 60-0522E Ukugirwa Abana b’Imana #4.

MweneData Joseph Branham