Mesagj: 60-1209 Igihe C Ishengero Ry I Sarudi
- 24-1117 Igihe C Ishengero Ry I Sarudi
- 23-0528 Igihe C Ishengero Ry I Sarudi
- 20-1206 Igihe C Ishengero Ry I Sarudi
- Inkona Zirakoranira Hamwe
- 19-0217 Igihe C Ishengero Ry I Sarudi
- 16-0401 Igihe C Ishengero Ry I Sarudi
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi Bantu ba Bande,
Ese ukuntu twishimiye kwitwa « Abantu ba Bande ». Imitima yacu iragurugumba n’umunezero buri yinga tuzi ko tuzohurizwa hamwe kw’isi yose mu kwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana natwe.
Turazi, ata kantu k’ugukekeranya na gatoya, ko turi mu Bugombe bw’Imana butunganye mu kugumana n’Ijambo ryaYo; kwumviriza Ijwi ryaYo biciye ku ntumwa mumarayika w’indwi waYo w’inkomezi.
Intumwa Yatoye w’igihe cacu ni William Marrion Branham. Ni itara ry’Imana kw’isi, rimurika umuco w’Imana. Iriko Irahamagara Umugeni w’Ijambo ryaYo Ritagira agatosi Yatoye biciye ku mumarayika waYo.
Mu kwiga twitonze Ijambo RyaYo, Yaraduhishuriye muri Mpwemu Yera wiwe ko William Marrion Branham ari umumarayika Yatoye ngo amuhe Uguhishurwa n’Ubusuku bw’iki gihe cacu. Turabona umumarayika waYo, INYENYERI YACU, mu kuboko kwaYo kw’iburyo mu gihe Imuha ububasha bwiwe bwo guhishura Ijambo RyaYo no guhamagara Umugeni WaYo.
Yaduhaye Uguhishura kwose kwaYo bwite. Mpwemu Yera Yimenyekanisha kuri twebwe biciye mu buzima bw’intumwa mumarayika waYo w’indwi; umumarayika yatoye ngo abe amaso yaYo y’igihe cacu.
Ingene imitima yacu igurumanira muri twebwe mu gihe Itubwira na buri Butumwa ko ari intumbero yaYo yo kutuzana kuri We; ko turi Umugeni Jambo waYo.
Ikunda kutubwira kenshi ukuntu Yadutoranije imbere y’itanguriro ry’isi MURI WE. Ukuntu twamenywe mbere y’igihe kandi twakunzwe na Yo.
Ese ukuntu dukunda kuYumva Ivuga kandi Itubwira ko twacunguwe n’Amaraso yaYo kandi ko tudashobora NA RIMWE kucirwako iteka. Ntidushobora kwigera tuba mu rukinja, kuko icaha kitashobora kuduharurwako.
Ukuntu tuzokwicarana na Yo mu gihe Izofata intebe y’ubwami yaYo yo kw’isi ya Dawidi, maze tukaganzana na Yo; nk’uko Yabigize mw’ijuru, Ifise inkomezi n’ububasha kw’isi yose. Ibipimo n’ibigeragezo vy’ubu buzima bizosa nk’aho ata co bimaze ico gihe.
Ariko kandi yaratugabishije ukuntu dutegerezwa kwiyubara. Ko mu bihe vyose iyo mizabibu ibiri yakuze yegeranye. Ukuntu umwansi yama ari hafi cane; ahendana cane. Mbere na Yuda yari yatowe n’Imana, kandi yigishijwe mu kuri. Yarasangira ubumenyi bw’amabanga. Yari afise ubusuku bw’inkomezi yahawe kandi yarakiza abarwayi akongera akirukana amadayimoni mw’Izina Rya Yesu. Ariko ntiyashobora kugenda inzira yose.
Ntushobora kujana n’igice gusa c’Ijambo, utegerezwa gufata Ijambo RYOSE. Hariho abantu basa n’abagira uruhara mu bintu vy’Imana hafi ijana kw’ijana, ariko si ko biri.
Yavuze ko bitari bihagije ko Yifatanije ubwaYo n’ishengero ryose, canke mbere n’ubusuku bw’ibikorwa bitanu vy’Abanyefeso kane. Yaratuburiye ko mu gihe cose ishengero rizimira, kandi si abakristo basanzwe gusa ariko n’umugwi w’abakuru b’idini — abungere barihenda nk’uko intama zihenda.
Rero kubera impanuro ntabanduka y’ubugombe bwaYo bwite, Yariyiziye ubwaYo ku rubuga mu gihe cacu nk’Umwungere Mukuru mu gikorwa c’intumwa mumarayika waYo w’indwi kugira ngo Isubize abantu baYo mu kuri no mu nkomezi nyinshi z’ukwo kuri.
Iri mu ntumwa yaYo kandi uwogira ukunengesera kw’Imana yokurikira iyo ntumwa nk’uko iyo ntumwa iyobokera Umwami mw’ijambo ryiWe.
Ndashaka kugira ukunengesera kw’Imana no gukurikira intumwa yaYo. Gutyo, kuri twebwe, Branham Tabernacle, uburyo bwonyene bwo gukurikira intumwa uko ikurikira Umwami mw’Ijambo ryiWe, ni UGUFYONDA TUKAVUZA maze tukumva Ijwi ry’Imana Ritagira agatosi Ritubwira amajambo y’ukutihenda.
Ntidutegerezwa gukeka canke gusuzuma ivyo twumva, dutegerezwa gusa Gufyonda Tukavuza tukizera Ijambo Ryose turiko turumviriza.
Narumvise mweneData Branham avuga amajambo akurikira mu gitondo kimwe kw’iradiyo y’Ijwi. Igihe naRyumva, vyaje mu mutima wanje ko ari uko nyene jewe / twebwe twiyumva mu kuvuga ngo:
TURAFYONDA TUKAVUZA TUKUMVIRIZA AMABANDE.
Vyumvikana nk’itangazo ry’Ukwizera kwacu kuri jewe.
Ni yo mpamvu nizera ubu Butumwa, ni ukubera Buva mw’Ijambo ry’Imana. Kandi ikintu cose kiri hanze y’Ijambo ry’Imana, sindacemera. Vyoshobora kuba uko, ariko n’ubu nzogumana gusa n’ivyo Imana Yavuze, kandi rero menye neza ko ndi mu kuri. Rero, Imana irashobora gukora ivyo Ishaka. Ni Imana. Ariko igihe cose nzogumana n’Ijambo ryaYo, rero nzomenya ko ari vyiza cane. Nizera ivyo.
Imana Ishimwe, yabivuze mu buryo BUTUNGANYE. Ibindi bikorwa vy’Imana vyose vyoshoboka, kuko Imana Ishobora gukora ivyo Ishaka, hamwe n’uwo Ishaka, Ni Imana. Ariko igihe cose nzoba ngumana n’Ijambo ryaYo, Ijwi RyaYo, Ayo Mabande, rero nzomenya ko vyose ari vyiza. Nizera ivyo.
Ndazi ko benshi basoma amakete yanje ntibatahure neza ivyo mvuga n’ivyo nemera ko ari Ubugombe bw’Umwami kw’ishengero ryacu. Ese nosubira kuvuga mu kwicisha bugufi nk’uko umuvugishwa yabivuze ati: «Aya makete agenewe ishengero ryanje gusa. Abo bipfuza kwita Ihema rya Branham ishengero ryonyene. Abo BIFUZA KUMENYWA NO KWITWA ABANTU B’AMABANDE”.
Niba mutemeranya n’ivyo mvuga kandi nizera, ivyo ni vyiza 100% beneData. Amakete yanje ntagenewe mwebwe canke ngo arwanye mwebwe canke amashengero yanyu. Ishengero ryawe ririgenga kandi utegerezwa gukora uko wumva urongowe gukora, ariko bijanye n’Ijambo, rero ni ayanyu, kandi ibi ni vyo twizera ko ari inzira Imana Yaduhaye.
Bose bama batumiwe kwifatanya natwe buri musi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, isaha ya Jeffersonville. Iri yinga, Inyenyeri y’Imana y’igihe cacu, William Marrion Branham Azotuzanira Ubutumwa, Igihe c’Ishengero c’i Sarudi, Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 9 kigarama, umwaka wa 1960.
MweneData Joseph Branham.