24-1110 Igihe C Ishengero Ry I Tuwatira

Ubutumwa: 60-1208 Igihe C Ishengero Ry I Tuwatira

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Wamurikiwe,

Ese ukuntu Umwami Ariko Araduhishurira ko mu bihe vyose hamye hariho umugwi mutoya cane wagumanye n’Ijambo ryiWe. Ntibaguye mu mutego w’uruhendo rw’umwansi, ahubwo bagumye ari abanyakuri kandi b’abizigirwa kw’Ijambo ry’igihe cabo.

Ariko ntihigeze na rimwe haba igihe, canke umugwi w’abantu, Umwami Yishimira, canke Yizigira, kuruta twebwe. Turi Umugeni wiWe w’Umupfasoni Yatoranijwe Atazo, kandi mbere n’ikiruta vyose, ADASHOBORA guhendwa; kuko twumva Ijwi ry’Umwungere kandi tukaMukurikira.
Ariko Aratwereka ko mu bihe vyose habayeho imigwi ibiri y’abantu, yompi bamenyesha uguhishurirwa kwabo kuvuye ku Mana n’ubucuti bafitaniye n’Imana. Ariko Yatubwiye Ati, Umwami Arabazi ko ari abiWe. Arakurikirana ivyiyumviro vyacu. Arazi ikiri mu mitima yacu. Abona ibikorwa vyacu mu kugumana n’umuhanuzi n’Ijambo ryiWe, ari vyo ukugaragaza kudasubirwako kw’ibiri muri twebwe. Impamvu zacu, intumbero zacu birazwi kuri We mu gihe Yitegereza igikorwa cacu cose.

Atubwira ko amasezerano yose Yatanze igihe cose, ari AYACU. Aratubona tuguma dukora ibikorwa vyiWe mu bwizigirwa gushika kw’iherezo. YADUHAYE ububasha ku mahanga. Atubwira ko turi abategetsi bakomeye, bashoboye, badahesha, bashobora guhangana mu nkomezi nyinshi n’ibintu ivyo ari vyo vyose. N’umwansi yihebuye cane azomenagurwa nimba bikenewe. Ukwerekana kwacu kw’ubutegetsi mu bubasha bwiWe kuzoba nk’ukw’Umwana nyene. IMANA ISHIMWE!!

Twarabonye ubwina bw’Imana mu buzima bwacu. Ni imigenderanire y’umwe wese na Mpwemu w’Imana mu kugerera muri twebwe. Ubwenge bwacu buramurikirwa n’ubwenge n’ubumenyi bw’Imana biciye mw’ijambo ryaYo.

Tuja aho Umukwe ari hose. Ntituzokwigera dusigwa na We. Ntituzokwigera tuva iruhande yiWe. Tuzosangira na We intebe y’ubwami. Tuzokwambikwa igitsibo c’ubwiza n’icubahiro vyiWe.

Yaraduhishuriye ukuntu umwansi yabaye umubeshi mu bihe vyose n’ukuntu bihambaye KUGUMANA N’IJAMBO RYIWE RY’INKOMOKO. Nta Jambo na rimwe rishobora guhindurwa. Igihe cose congereyeko kandi kigakurako, gishira insobanuro yaco kw’Ijambo Ry’inkomoko; kandi barazimira ibihe bidashira mu gukora gutyo.

Mu Gihe c’Ishengero ry’i Tuwatira, iyo mpwemu y’ububeshi yaragiye muri papa w’i Roma maze ahindura Ijambo RyiWe. YaRigize “umuhuza umwe hagati y’Imana n’umuntu (atari abantu).” Ubu rero ahuza hagati y’umuhuza n’abantu. Gutyo, umugambi wose w’Imana warahinduwe; si mu guhindura ijambo, ahubwo mu guhindura URUDOME RUMWE. Satani yahinduye “BA” ayigira “MU”.

N’Ijambo Ryose rizocirirwa urubanza n’Ijambo ryiWe ry’Inkomoko Ryavuzwe ku ma bande. Kubw’ivyo Umugeni WiWe ATEGEREZWA kugumana n’amabande. Mu gihe umwansi agerageza guca intege abantu mu kubaha gahunda itandukanye, iciyumviro gitandukanye, indome zitandukanye, Umugeni AZOGUMANA N’IJAMBO RY’INKOMOKO.

Mu gihe cose Yesu Yimenyekanisha n’intumwa y’ico gihe. Baronka kuri We uguhishurirwa kw’Ijambo ry’igihe cabo. Uku guhishurirwa kw’Ijambo gusohora mw’isi Uwatoranijwe w’Imana kandi kumwinjiza mu bumwe bwuzuye na Yesu Kristo.

Yahamagaye kandi Yagenye abantu benshi kuba umuhezagiro kw’ishengero, Ariko Afise GUSA INTUMWA IMWE Yahamagaye KURONGORA ishengero ryiwe na Mpwemu Yera WiWe. Hariho IJWI RIMWE rifise Uko Ni Ko Uhoraho Agize. Hari IJWI RIMWE Yavuze ko Azoduciramwo urubanza. Hariho IJWI RIMWE Umugeni WiWe Ariko Ashirako amerekero yabo y’ibihe bidashira. IRYO JWI NI IJWI RY’IMANA RIRI KU MABANDE.

Mugeni, ubugombe bw’Imana kuri twebwe ni Ugutungana, kandi mu maso yaYo, TURATUNGANYE. Kandi ukwo gutungana ni ukwihangana, kurindira Imana… no kurindira Imana. Itubwira ko ari inzira y’ugutera imbere kwa kamere kacu. Turashobora kugira ibipimo vyinshi, ibigeragezo n’imibabaro, ariko ubwizigirwa bwawe kw’Ijambo ryaYo gukora ukwihangana muri twebwe ku buryo dushobora kuba abatunganye kandi buzuye, badahajije na kimwe.

Ntituzokwigera twibagira ko UKWIZERA kuzanwa no kwumva, kwumva Ijambo, kandi Ijambo riza ku muhanuzi.
Ni muze mubone umunezero mwinshi cane wo mu buzima bwanyu mwicaranye natwe ahantu ho mw’Ijuru mu gihe twumva Ijwi ry’Imana Rituzanira Ijambo kw’ Ishengero ry’i Tuwatira, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 8 kigarama, umwaka wa 1960, isaha zitandatu ku mutaga, isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi).

MweneData Joseph Branham