Ubutumwa: 60-0515m Umwami Yanswe
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bagenzi nkunda b’agaciro,
Bakunzi banje, bakundwa banje b’Ubutumwa Bwiza, bane banje navyaye kubw’Imana.
Mbega impera y’iyinga y’igitangaza twagiranye n’Umwami Wacu. Vyari nk’aho ata bindi bihe, kumarana umwanya gusa na We, tuMubwira, twumviriza Ijwi RyiWe, tuMusenga, tuMushimira, tuMubwira ingene tuMukunda.
Ese ukuntu ari iteka kuba muri iki gihe no kuba igice c’Ivyanditswe biriko birashika. Amajambo apfa yoshobora gute guserura ibiri mu mutima wacu vyose? Nk’uko umuvugishwa yabivuze, si jewe, hariho nyene Ikintu Kinaka kiri imbere cane, Kinsunika kandi Kibiragira muri jewe; iriba rya arutwaze rya Mpwemu Yera. Ni Umugeni Yitegurira Umukwe.
Ese ukuntu umugeni Agira umunezero imbere neza y’ubugeni bwiwe. Umutima wiwe utangura gutera ningoga cane uko amasegonda make ya nyuma agenda ararenga….arazi ko amaherezo igihe cashitse. “Nariteguye, araza kubwanje. Ubu tuzoba UMWE.”
Mu vy’ukuri turi mu bihe vya nyuma vy’iherezo ry’ibihe. Umugeni Azozamurwa vuba Ahamagarwe mu Mazimano yacu yo mu nkinga. Ariko Aratujana mu bibanza vyo hejuru bishasha. Nta kibazo kindi kiriho; nta kundi kwibaza; TURI UMUGENI.
Kandi ntavyo Arakora. Aracashaka guhezagira no kuremesha Umugeni WiWe Mukundwa Yahisemwo. Ese ukuntu Akunda kuMuremesha no kuMubwira ingene AMukunda. Ese ukuntu AMwishimira.
Arafise n’ukundi Guhishurirwa kudasanzwe cane Azomuha. Igihe hari amajwi menshi cane kw’isi yanka kuvuza amabande, Arashaka ubugira kandi kuremesha Umugeni ko bari mu Bugombe BwiWe butunganye no mu Nzira YiWe Yatanze.
Integuro yiWe yama yanswe. Umugeni WiWe yama Ahamwa. Abantu bama bashaka ivyiyumviro vyabo, ibintu uko babibona. Bashaka umurongozi atandukanye wo kubarongora. Ariko Imana Yarungitse umurongozi UMWE kurongora Umugeni WaYo, Yo ubwaYo, Mpwemu Yera, kandi Mpwemu Yera w’iki gihe, nko mu BINDI BIHE VYOSE, NI UMUVUGISHWA W’IMANA.
Bama bashaka ko abantu babarongora. Mu gihe ca Samweli, Imana Yavuze ko bariko barayanka mu kudashaka ko Samweli abarongora. Bisa n’ibitangaje mu gihe Samweli nawe yari umuntu, ariko itandukaniro ryari ko Samweli yari umuntu Imana Yahisemwo ngo abarongore. Ntiyari Samweli, Ni Imana Yakoresha Samweli. Yari IJWI HAMWE N’UMUNTU Imana Yabahisemwo KUBARONGORA, ariko bo bari bashaka ayandi majwi.
Sauli yari azi ko abantu batinya Samweli, ni co gituma yategerezwa gutangaza ati: “Sauli NA Samweli”. Yategerezwa gutera ubwoba abantu kugira ngo bamukurikire. Vy’ukuri, yari yarahamagawe. Vy’ukuri, yari yararobanujwe amavuta na Samweli ngo abe umwami wabo, ariko Imana YARI IGIFISE Inzira Yatanze, n’umuvugishwanu Yahisemwo kubarongora, mbere no kurongora Sauli. Imana Yavuganye n’umuvugishwa waYo, Ibwira Sauli ico ategerezwa gukora. Igihe Sauli yafata ingingo y’uko nawe yari yararobanujwe amavuta, kandi ko Atari agishaka kwumviriza umuvugishwa gusa, Imana Yaramwatse ubwami bwiwe.
Nuko rero bamaze gukora ivyo, igihe ukuneshwa gukomeye kwashika, Sauli yaciye abaga inka zibiri niniya, azirungikira abantu bose. Kandi nipfuza ko mubona hano, igihe Sauli yarungikira Isirayeli yose ibice vy’inka, kandi akavuga ati: «Umuntu wese atazokurikira Samweli na Sauli, ko uwo ahinduka nk’iyi nka.» Murabona ubwiganyi, ingene yagerageje kwerekana ko yagendana n’umuntu w’Imana? Ese ukuntu—ese ukuntu bitari ubuKristo! Ubwoba abantu bari bafise kwari kubera Samweli. Ariko Sauli yabatumye bose bamukurikira kuko abantu batinya Samweli. “Baze bakurikire Samweli na Sauli.”
Umunsi umwe Sauli ahagarika umutima cane. Ntiyashobora kuronka inyishu iva ku Mana. Ntiyashobora kuronka ihumure. Yashaka inyishu. Yari azi aho ategerezwa kuja kugira aronke inyishu yashaka; hari ahantu hamwe gusa, UMUVUGISHWA W’IMANA, SAMWELI. Yari yarapfuye, ariko yari akiri IJWI RY’IMANA, NO MURI PARADIZO.
Data Yashaka ko Umugeni WiWe amenya uwo Yahisemwo kurongora Umugeni WiWe muri iki igihe ca nyuma, ni co gituma yatwaye umumarayika wiWe w’inkomezi hirya y’igihuzu c’igihe kugira ngo asubire atubwire, aduhumurize, kandi aturemeshe ko turi mu Bugombe BwiWe Butunganye kandi Bwatanzwe.
Umviriza cane ivyo umuvugishwa ariko aravuga VYOSE.
Ubu, sinshaka ko ibi mubisubiramwo. Ibi ni ivy’ishengero ryanje, canke intama zanje mbereye umwungere.
Imbere y’uko atubwira ikintu cose, abanza gushaka ko tumenya ko ivyo ari IVYACU GUSA, ISHENGERO RYIWE, INTAMA ZIWE, IZO ABEREYE UMWUNGERE. Rero, nimba udashobora kuvuga ngo, “MweneData Branham ni umwungere WANJE,” narabivuze mbere, ariko gusa ntaco bimaze kubandanya usoma, ivyo si ivyawe, yongeyeko ko atagomvye ko mbere tubisubiriramwo umuntu n’umwe kiretse abizera kandi bakavuga bati, “MweneData Branham ni umwungere wanje”.
Aho nyene ni ho hari inyishu yacu ku kibazo tunegurwako cane kubera tuvuga ngo: “MweneData Branham ni umwungere wacu.” (Ivyo, ni abo bantu bavuza amabande.) Bavuga ukuri, ni we, natwe turi abiwe.
Ndagusavye ntunshavurire, ivyo sindiko ndabivuga kugira ngo nshavuze n’umwe, ivyo vyoba ari bibi, ariko ni ivyo Ariko Arabwira Umugeni. Sindiko ndashirako insobanuro yanje, arabivuga neza…Ijambo ry’Imana nta nsobanuro Rikeneye.
Hamwe noba nari muri uyu mubiri canke hanze yawo, canke iyoba ari ukujanwa, ntivyasa n’iyerekwa iryo ari ryo ryose nigeze kugira.
Rero atubwira ko ibi bitari bimeze nk’iyerekwa ryose yigeze kugira. Yagiye ahantu atari bwigere aja. Mbere ryari RIHAMBAYE kuruta iyerekwa ryose yigeze kubona. Ntiyariko ararota, yabonye umubiri wiwe ku buriri; YARI HARIYA.
Mugeni wa Yesu Kristo, ivyo vyinjire neza cane. Yari Umugeni wa Yesu Kristo wo hakurya, mu gihe c’ubu, Baje Biruka kuri we, Basemerera, Baramvura amaboko kandi Baramuhobera, bamubwira bati: «Yoo, mweneData w’agaciro!»
Yari hariya; yashobora kuvyumva; yashobora kubumva. Bariko bavugana nawe. Yarahagaze maze araraba, yari akiri muto. Yasubiye kuraba umubiri wiwe wa kera wari uryamye hariya amaboko yiwe ari ku mutwe wiwe.
Ubu twaremeje ko YARI HARIYA, kandi ko Yari Umugeni wa Yesu Kristo yariko arabona. None rero reka twumve ivyo ijwi rivuye hejuru ryariko riramubwira.
Kandi rero iryo Jwi Ryariko Riravugira hejuru yanje, Ryavuze riti: “Urazi, vyanditswe muri Bibiliya ko abavugishwa bari kumwe n’abantu babo.”
Imana Ntiyariko Irerekana no kuremesha umuvugishwa waYo gusa, ariko hari n’ibindi vyinshi vyari muri ivyo. Yari kugaruka maze akatubwira atari gusa aho turiko turaja honyene n’uko bizoba bimeze, ariko akanatubwira ko turi mu Bugombe BwiWe butunganye mu Gufyonda Tukavuza kandi ko uko ariko ushikira ahari Umugeni.
MweneData Branham yavuze ko yipfuza kubona Yesu bikomeye cane. Ariko bamubwiye bati:
“Ubu, Ari hejuru gatoya gusa, neza hejuru gutya.” Bavuze bati: “Umunsi umwe Azoza kuri wewe.”
Babandanije kumubwira UWO YARI WE.
“Warungitswe, kugira ngo ube umurongozi. Kandi Imana Izoza. Kandi ni Yaza, Izogucira urubanza bijanye n’uko wabigishije, nimba bazokwinjira canke batazokwinjira bizovana n’ivyo. Tuzokwinjira bijanye n’inyigisho zawe.”
Ni nde yarungitswe nk’umurongozi? Tugiye gucirwa urubanza bijanye n’ivyo nde yatwigishije? Tuzokwinjira mw’Ijuru bijanye n’inyigisho ya nde?
Umwe ashobora kuvuga ngo, nigisha abantu banje ivyo nyene MweneData Branham yavuze…amen, nivyo mukwiye kandi nizera ko bamwe babikora, ariko ntimubigire “MweneData Branham na jewe.”
Tubandanye dusoma mu gihe Ashaka KUMENYA NEZA ko dutahura neza cane.
Kandi abo bantu barasemerera, kandi bavuga bati: “Ivyo turabizi. Kandi turazi ko tuzojana nawe, umunsi umwe, dusubire kw’isi.” Bavuze bati: “Yesu Azogaruka, kandi uzocirwa urubanza bijanye n’Ijambo watwigishije.
Tuzocirwa urubanza n’Ijambo YATWIGISHIJE. Gutyo, urubanza ruva ku vyo Ijwi ry’Imana Ryavuze ku mabande. Ni gute umuntu avuga Ijwi riri ku mabande atari IJWI RIHAMBAYE KURUTA AYANDI ushobora kwumviriza?
“Kandi rero niwemerwa muri ico gihe, ivyo uzoba,”
Mbega muriteguye. Ivyo bizohadikiriza ku biri Ubugombe butunganye b’Umwami kubw’Umugeni wa Yesu Kristo. Umugeni Ariko Arabwira umuvugishwa ivyo AZOKORA. Nta wundi. Si umugwi. Si uwundi mwungere, umuvugishwa w’Imana, WILLIAM MARRION BRANHAM.
“hanyuma niho uzoMudushikiriza, nk’ikamba y’igikorwa c’Imana cawe.”
Ni nde agiye kudushikiriza Umwami Yesu?
Iminsi yo kwumviriza umuvugishwa gusa yaraheze?
MweneData Branham ntiyigeze avuga ngo bavuze amabande?
Umugeni Ariko Arasemerera ati niwaba ushaka kuba Umugeni vyokubera vyiza Gufyonda Ukavuza.
None n’ubu ntimuvyemera? Ego cane, hariho n’ibindi.
Yavuze ati: “Uzoturongora atujana iWe, kandi, twese hamwe, tuzosubira kw’isi, kugira ngo tuyibeho ibihe bidashira.”
Ni nde ategerezwa kuturongora tuja iWe? Ni nde ariko ararongora Umugeni? Umugeni Ariko Aramubwira Ko AZOJANA UMUGENI KURI WE, hanyuma tuzosubira kw’isi tubeho ibihe bidashira.
Nimba hariho Uguhishurirwa UKO ARI KWO KWOSE muri wewe na gutoya. Namba wemanga ko wizera Ubu Butumwa, ndasenga ngo Imana Iguhishurire ko UTEGEREZWA gushiramwo Ijwi RyaYo, ama bande, MU KIBANZA CA MBERE.
Bungere, musubize umuvugishwa kuri alutari zanyu. Amabande ni Ijwi Rihambaye kuruta ayandi utegerezwa kwumviriza mu gihe mugiye gucirwa urubanza n’IRYO JWI.
Bijanye n’Ijambo, turi mu Bugombe BwiWe butunganye kandi Bwatanzwe mu gihe cacu mu kwumviriza Ijwi ry’Imana ku mabande.
Nimba Imana Yaruguruye amaso yawe ku Guhishurirwa kw’ukuri kw’Ijambo RyaYo, ndagutumiye ngo wifatanye natwe ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza 60-0515M Umwami Yanswe.
MweneData Joseph Branham.