Ubutumwa: 62-1014 Igihagararo C Umuntu Atunganye
- 25-0601 Igihagararo C Umuntu Atunganye
- 20-1004 Igihagararo C Umuntu Atunganye
- 18-1125 Igihagararo C Umuntu Atunganye
- 16-1023 Igihagararo C Umuntu Atunganye
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi b’Ivyibutso Bizima,
Ijwi turiko turumviriza ku ma bande ni Urimu Tumimu y’Imana ku Mugeni WaYo. Ubu rero Ryashize hamwe neza Umugeni WaYo bahuje umutima n’inama kugira ngo Abe ishengero ry’ukuri ryuzuye Mpwemu, ryuzuye ububasha bw’Imana, ryicaye hamwe ahantu ho mw’Ijuru, ritanga ibimazi vya mpwemu, amashimwe ku Mana, hamwe na Mpwemu Yera Agendagenda hagati yacu.
Kristo Yaturungikiye Mpwemu Yera kugira ngo Avuge biciye ku mumarayika wiWe w’indwi kugira ngo adutunganye nk’abantu ku giti cabo mu gihagararo ca Yesu Kristo, kugira ngo tube inzu y’ububasha n’aho Mpwemu Yera Aba, biciye kw’Ijambo RyiWe.
Turi abaragwa ba vyose. Ni umutungo wacu bwite, ni UWACU. Ni ingabire y’Imana kuri twebwe, kandi nta n’umwe ashobora kuyidukurako. NI IVYACU.
“Ico muzosaba Data mw’Izina Ryanje, nzogikora.” Ni nde ashobora guhakana ikintu cose ng’aho? “Ni ukuri, ni ukuri Ndababwire, ni mwabwira uyu musozi muti: ‘Shinguka,’ ntimukekeranye mu mutima wanyu, ariko mukizera ko ivyo mwavuze bizoshika, ivyo mwavuze vyose muzoshobora kubironka.” Mbega amasezerano! Ntibigarukira ku gukira gusa, ariko n’ico ari co cose.
Imana Ishimwe…ICO DUSABA COSE!
Kuva kera na rindi, ivyaremwe vyose vy’Imana vyamye biniha kandi birindiriye umunsi abana b’Imana bazogaragara bimwe bishitse. Uwo munsi warashitse. Uyu ni wo munsi. Iki ni co gihe. TURI abo bahungu n’abakobwa b’Imana bagaragajwe.
TURI ibikoresho bizima vy’Imana Igendagenderamwo, Yitegererezamwo, Ivugiramwo, Ikoreramwo. Ni Imana, Igendera ku birenge bibiri, MURI TWEBWE.
Turi amakete yaYo yanditse asomwa n’abantu bose. Abana baYo Yahisemwo, Yatoranije, kandi Yagize abahungu n’abakobwa Igira umuntu muzima, ishusho nzima, igihagararo c’umuntu atunganye.
Gupfukama ubwacu imbere y’Imana Nzima, ubuntu buzima, ubwenge buzima, ukwihangana kuzima, ukwubaha Imana kuzima, Ububasha buzima buva ku Mana Nzima, bituma umuntu muzima aba ishusho nzima mu gihagararo c’Imana.
Ni Kristo, mu buryo bwa Mpwemu Yera Ari kuri twebwe, n’umubatizo w’ukuri wa Mpwemu Yera WiWe, hamwe n’ivyizerwa vyiWe vyose vyadomweko ikimenyetso muri twebwe. Imana, Iba muri twebwe mw’Ihema ryitwa Inyubako. Ihema Rizima, ry’ahantu Imana Nzima Igerereye; Ishengero Ritunganye, kugira ngo Ibuye ry’Ukunengesera Ritunganye Ridupfuke.
Imana Yarungitse umuvugishwa guhamagara no kurongora Umugeni WaYo. Yari Adamu waYo wa mbere Yashumbushijwe mu buryo bushitse, igihagararo c’umuntu atunganye mu gihe cacu, kugira ngo ahishurire Ijambo RyaYo Umugeni WaYo.
Sinshobora kuva kuri ivyo. Nta na kimwe gishobora kunyiganyiza. Sinitayeho ico uwo ari we wese avuga ; ntikinyiganyiza na gatoya. Nzoguma ng’aho nyene.
Nzorindira, ndindire, ndindire, ndindire. Ntaco bihindura. Biguma aho nyene. Rero, umusi umwe, nzosemerera n’abandi bera bose duhuje inama imwe nti: “Turuhukanye ivyizigiro kw’Ijambo Ryose! Ico gihe UZOMUTWEREKA. Hanyuma twese tuzosubira kw’isi, kugira ngo tubeho ibihe bidashira.”
Ndamusezeraniye, muri iki gitondo, n’umutima wanje wose, ko, hamwe n’imfashanyo yiWe n’ubuntu bwiWe, nzosenga kandi nzorondera ku munsi ku munsi, ntahagarika, gushika numvise kimwe cose muri ibi bisabwa gitemba muri iki gihagararo canje gitoyi ca kera, gushika aho nshobora kuba ukugaragara kwa Kristo Muzima.
KURI JEWE, kwumviriza Ijwi ry’Imana ku ma bande ni integuro y’Imana y’iki gihe. Ni Ijambo Rizima Rya Yesu Kristo. Ni icishimikizo canje ntanyiganyizwa bijanye n’Ijambo ry’Imana. Ni inzira Imana Yatanze y’iki gihe.
Rero, ndipfuza kubatumira ngo mwifatanye nanje ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) mu gihe numviriza William Marrion Branham, uwo nizera ko ari Ijwi ry’Imana ry’igihe cacu, yigisha Umugeni wa Kristo ingene Yocika: Igihagararo C’Umuntu Atunganye 62-1014M.
MweneData Joseph Branham.
Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’Ubutumwa :
Uwera Matayo 5:48
Uwera Luka 6:19
Uwera Yohana 1:1/3:3/3:16/5:14/14:12
Ivyakozwe n’Intumwa 2:38/7:44-49/Igice ca 10/19:11/28:19
Abanyefeso 4:11-13
Ab’i Kolosayi igice ca 3
Abaheburayo 10:5/11:1/11:32-40
Yakobo 5:14
2 Petero 1:7
Yesaya 28:19