Ibimenyeshejwe

Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Ugusobanura ibikorane mu zindi ndimi bibera ikibiriraho kandi si ivyo gukoresha mu kugwiza uburyo bwo kwumviriza, mu kwandika ibitabo, canke kubikwiragiza mu buryo ubwo ari bwo bwose. Abasobanuzi babikorana intumbero nziza zishoboka kugira ngo babashe gusubiramwo uko bibereye ibivugirwa muri buri gikorane, ariko hazoba amajambo abuze n’amakosa, ivyo nk’abantu bikaba ari ibintu bigoye kwirinda mugihe c’ugusobanura mu zindi ndimi ikibiriraho. Ubutumwa busobanuwe mu zindi ndimi ntibugenewe kuba insobanuro zigenga, kandi zishobora kuba zitari kurugero rukoreshwa na Voice of God Recordings.
Intumbero yacu kuri izi nsobanuro z’ibikorane n’ukugira duhe abatavuga icongereza akaryo ko gusengera hamwe natwe mu bikorane. Branham Tabernacle n’ishengero rifise intumbero yo gukwiragiza Ubutumwa, rikaba rifise umutwaro kubw’Umugeni wa Yesu Kristo ku mbuga z’ubumisiyonari kw’isi yose. Turashima akaryo Umwami Yaduhaye ko kubashikira biciye mu masengesho yacu, amashikanwa y’urukundo, ubu naho, mu buryo bwo gukoranira hamwe kw’Ijambo biciye ku rubuga ngurukanabumenyi. Twizigiye ko ibi bikorane bizobabera umugisha hamwe n’imiryango yanyu.
Iri tangazo ryatunganijwe dufatanije na Branham Tabernacle.

An Independent Church of the WORD