21-1121 Inyota

Ubutumwa: 65-0919 Inyota

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIRAKORANIRA HAMWE

Mukunzi Mupfasoni Watoranijwe,
Ukuba umwe kwa nyuma kuriko kurashika kubw’Izamurwa. Mpwemu Yera Ariko Arashira hamwe Umugeni waYo mu bihugu vyose ; kuva ku Nkengera y’Uburengero gushika ku Nkegera y’Ubuseruko, kuva mu Buraruko gushika mu Bumanuko, kuva ku mfuruka zine z’isi.

Adukoraniriza hamwe mu mashengero yacu no mu ngo zacu biciye mu kwumvikana neza cane kw’amajwi. Ni na vyiza gusumba ikiganiro. Ni umuhora w’itelefone. Dushira amaradiyo canke amamikoro, canke ico ari coc ose, mu cumba, kandi ni co kimwe nyene nko kuba mu cumba hamwe n’umuhanuzi wiWe. Ni inzira Imana Yatanze yo muri iki gihe yo gufatanya no gushira Umugeni hamwe na « Uko Niko Uhoraho Agize ».

Haheze imyaka mirongo itanu n’itandatu, Imana Yatanguye umugambi waYo wo gukoraniriza Umugeni waYo hamwe ku buryo bashobora kuYumva Ivugira mu mumarayika w’inkomezi waYo bose mu mwanya umwe. Yari Yanahagaritse ibikorwa vyaYo bitanu gukora kandi Yakoraniriza hamwe abantu babo, no gushira umuhora w’itelefone mu mashengero yabo, mu gihe Yashaka ko Umugeni waYo Yumva Ijwi ryaYo, bose mu mwanya umwe. Umugambi waYo uhambaye wari watanguye. Ntivyari bwigere na rimwe bishoboka muri kahise k’isi. Umuhanuzi waYo Yarabimenye kandi yari anezerewe cane. Rero Imana Yashobora kuvugana ata guca iruhande n’abagize Umugeni WaYo bose mu mwanya umwe. Bashobora kwiyumviririza ubwabo, Imana Ivugana na bo Idaciye ku ruhande, kandi ntihari hakenewe uwusigura.

Iki gihe, isi iratangara. Ni kuki abantu bo kw’isi yose mu burere bw’ibihe bitandukanye ; isasita, isamunani zo ku muhingambo, isaha zibiri zo mw’ijoro, mu gicugu, bakoranira hamwe bose mu mwanya umwe kugira ngo bumvirize Ubutumwa bashobora kwumviriza igihe ico ari co cose. Ni ukuhe gukwega ?

Vyarabahishuriwe ko uyu ari umugambi w’Imana, inzira Imana Yatanze yo kubagira umwe mu buryo bwa Mpwemu. Ni Imana Yiteguriye kuvugana n’Umugeni waYo mu mwanya umwe.

NTA NA KIMWE kindi atari Ijwi ry’Imana, Ijambo ryaYo, Ubu Butumwa, Bwavuzwe n’umuhanuzi waYo bwoshobora gukora ivyo. Nta n’umwe, canke ikindi ico ari co cose, Umugeni waYo bose bashobora kwumvikanirako.

Umuntu umwe yoshobora kuvuta ati, « Numviriza umwungere wanje mu gihe avuga kandi yigisha Ijambo neza nk’uko mweneData Branham yavuze ko yokora. » Umwami Ashimwe. Ivyo ni igitangaza kandi urahezagiwe cane kugira umwungere agumana n’Ijambo. Yahamagariwe kugumiza ubusho hamwe no kubaha no kubereka Ijambo, ariko ivyo si vyo ndiko ndavuga. Utegerezwa kugira Icishimikizo Ntabanduka, Ijambo rya nyuma. Amajambo TWESE DUSHOBORA KWUMVIKANIRAKO. Nk’uwahamagawe kandi yasizwe nk’uko umuntu uwo ari we wese ashobora kuba ameze, nta jambo ry’umuntu rishobora kuba ritunganye, kandi nta gikorwa c’umuntu gishobora kugira umwe Umugeni.

« Ico ni iciyumviro cawe gusa n’ico wiyumvira. Vyemeze n’Ijambo, mweneData Joseph ».

Kuko ufise abantu babiri, ufise ivyiyumviro bibiri. Kandi bitegerezwa gushika ku cishimikizo ntanyiganyizwa kimwe ca nyuma kandi icishimikizo ntanyiganyizwa canje ni Ijambo, Bibiliya. Kandi nk’umwungere w’ishengero ng’aha, icishimikizo canje ntanyiganyizwa ni Ijambo, kandi nshaka… Ndabazi, beneData, musa n’abandaba nk’icishimikizo ntanyiganyizwa canyu ku co…mu gihe nkurikira Imana, nk’uko Paulo yavuze mu Vyanditswe, « Munyigane, nk’uko nigana Kristo. »

Rero, igihe umuhanuzi avuze, ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa ku Mugeni. Ubutumwa bwiwe si ijambo ryiwe, nta n’ubwo ari insiguro yiwe y’Ijambo. Ni Imana Isigura Ijambo ryaYo Bwite mu nzira Yatanze yonyene yo kubikora : biciye mu muhanuzi waYo.

Namba uvuga ko wizeye Ubu Butumwa. Namba uvuga ko wizeye iki canditswe. Namba uvuga kandi wizeye ko uri Umugeni wa Kristo, rero ibivugira ku ma bande bitegerezwa kuba Icishimikizo Ntanyiganyizwa Cawe.

None, ni ikihe kindi gishobora gukoraniriza hamwe Umugeni wa Kristo atari Icishimikizo Ntanyiganyizwa cacu? NTA NA KIMWE. Amabande ni Ijwi ryiWe, Ijambo RyiWe., Icishimikizo Ntanyiganyizwa Cacu. Umuhanuzi yatubwiye ko umuhanuzi w’iki gihe ari Mpwemu Yera. Mpwemu Yera Yatoye umuntu UMWE, Ijwi RIMWE ryo guhishura Ijambo ryiWe kandi rirya Jwi Ririko Rirahuriza hamwe Umugeni WiWe mu nzira yatanzwe y’iki gihe, MU GUFYONDA UVUZA.

Ndiko ndagerageza uko nshobora kugumana neza n’Ijambo, kuko ibi vyashizwe mu biganza vyanje kubera Imana, kuko intama zishaka imfungurwa z’intama, mu bisanzwe. “Intama zanje zumva Ijwi RyaNje.” Kandi ivyo ni vyo bitubeshejeho, Ijambo Ryose Riva… Si vyose. Si Ijambo gusa ubu ariko no hanyuma ; ariko Ijambo Ryose Riva mu kanwa k’Imana, ivyo ni vyo vyotegerejwe kubeshaho abera.

Twotegerejwe kubeshwaho n’Ijambo ryose Riva mu kanwa k’Imana. Ni akahe kanwa k’Imana kagaragajwe k’iki gihe? Jewe ? oya Si ndi umumarayika ntumwa w’indwi w’Imana yagaragajwe, nta n’ubwo ari umwungere wanje canke umuntu uwo ari we wese; Ni Imana Ikoresha ijwi rya WILLIAM MARRION BRANHAM.

Tuzocirwa urubanza n’Ubutumwa yigishije buri kuri bande. Atari insobanuro y’uwundi muntu, Atari n’ivyo umuntu yigisha kuvyo yavuze ariko kubwo Ijambo riri kuri bande, naho hoba gusigwa na Mpwemu mu buryo bushoboka, twoshobora kuba mw’ikosa. Simvuze ko umukozi w’Imana Ari uw’ikinyoma canke ari mw’ikosa, twahamagariwe kuvuga ubutumwa, kwigisha, no kuguma turi abizigirwa kw’Ijambo, ariko umuhamagaro wacu ni uwo kubarongorera kw’Ijambo. Kandi Ijambo ryonyene ritunganye, ryemejwe, riri ku ma bande

Dufise vyinshi, nk’Umugeni wa Kristo, vyo gukenguruka.

Twoshobora kwuzuza wino ikiyaga, Kandi naho amajuru yogirwa impapuro Icatsi cose wo kw’isi kikaba ikaramu N’umuntu wese akaba umwanditsi Kwandika urukundo rw’Imana yo mw’Ijuru Vyokamya ikiyaga Nta n’ubwo umuzingo woshobora kwuzura vyose, Ijuru ryose ribaye impapuro

Turi hafi kugira iyinga ihambaye ya Thanksgiving yo mu buzima bwacu.

Umunsi mukuru w’Ibifungurwa vya Mpwemu vyo kwuzuza ubugingo. Umunsi mukuru aho Umugeni Azoba Yabaye umwe kandi Yicaye hamwe yaratunganye mu Nyonga h’Izuba .

Imana Igiye kuvuga biciye mu ntumwa yaYo maze Itubwire ko :

  • Turi Umupfasoni waYo Yatoranije.
  • Dufise amazina yacu mu Gitabu c’Ubugingo c’Umwagazi w’Intama.
  • Ko ata vyaha dufise.
  • Twaratsindanishirijwe imbere y’itanguriro ry’isi.
  • Turi abahamagariwe gusohoka n’abatowe.
  • Turi abo umugambi wose w’Imana wari urindiriye.
  • Turi Umugeni Atagira agatosi, w’ingeso nziza, ata caha w’Umwana w’Imana Nzima

– Turatunganye mu maso yaYo.

Nta herezo rihari ryo kwandika vyose ivyo Mpwemu Yera Agiye kuduhishurira no kudukorera.

Tuvuge ivy’umunsi wa Thanksgiving!!!

Numvise nsunitswe muri Mpwemu Wanje bivuye ku Mwami
kubwacu gushikanira iyinga yose, guhera kuri uyu w’iyinga, kubwa Thanksgiving.

Nashizeko ng’aha ikirangaminsi hamwe n’iminsi, igihe n’Ubutumwa tuzoba twumviriza.

Nk’uko mushobora kubibona, kuw’iyinga twese tuzofataniriza hamwe kw’isaha isanzwe ya samunani ku muhingamo, isaha ya Jeffersonville, kwumviriza Ubutumwa : Inyota, bwavuzwe kw’igenekerezo rya 19 ukwezi kwa nyakanga umwaka wa 1965.

Kuwa mbere gushika kuwa gatatu, nipfuza ko twese twumviriza Ubutumwa 3 bukurikira mweneData Branham yavuze bukurikirana, muri 1965. Tuzoba twabushize kw’iradiyo bwose isaha zitatu mu gitonda twongere kandi isaha imwe y’ijoro, kw’isaha ya Jeffersonville.

Ndazi ko bizoba bigoye kuri benshi kwumviriza kw’isaha yashinzwe bitewe na gahunda z’ibikorwa vyabo canke izindi nshingano, ariko nizigiye ko mushobora kwumviriza kuri bimwe muri ivyo bihe hamwe n’imiryango yanyu.

Hanyuma kuwa kane, igenekerezo rya 25 munyonyo, nipfuza ko twoba hamwe isamunani ku muhingamo, kw’isaha ya Jeffersonville, gutangura impera yacu y’iyinga y’igitangaza ya Thanksgiving mu gihe tuzoba dufatanije ku muhora ubugira kandi kugira ngo twumvirize Ijwi ry’Imana Rituzanira Ubutumwa bwa mbere bw’impera y’iyinga yacu “ Ubumwe Butaboneka bw’Umugeni wa Kristo Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 25 munyonyo umwaka wa 1965.

Wabaye umuhezagiro udasanzwe kuri jewe kubona ko hazoba haheze imyaka 56, kuri uwo munsi, Imana Yavugiye mu muhanuzi waYo kutuzanira urukurikirane rw’Ubutumwa. Vyongeye hari haciye imyaka 56 kuva kw’ivuka rya mweneData Branham muri 1909, gushika 1965, yavuze ubu Butumwa.

Twokora iki tumenye ko mweneData Branham yari agiye kuba i Shreveport, Los Angels iyi mpera y’iyinga kugira ngo atuzanir ubu Butumwa? Nta na kimwe… Nshaka kuvuga ko ATA NA KIMWE coshobora kuduhagarika kugenda. Imana Ifitiye umugambi Umugeni waYo iki gihe, kandi NTA NA KIMWE kigiye kuduhagarika.

Ndasengera umwe wese muri mwebwe afise igishika cinshi c’iri yinga ry’igitangaza tuzoba twaronkeye hamwe n’Umwami; tuMushima, tuMutazira kandi tuMusenga kuvyo Yakoze vyose, n’ivyo vyose Agiye gukorera umwe wese muri twebwe, UMUPFASONI WIWE YATORANIJE.

MweneData Joseph Branham.