21-1024 Kristo Yihishura mw’Ijambo ryiWe bwite

Ubutumwa: 65-0822mKristo Yihishura mw’Ijambo ryiWe bwite

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Wakabuwe,
Ntitwigeze tunezerwa gusumba, canke duhazwa gusumba mu buzima bwacu. Dufise Ugukaburwa kubw’Uguhishurirwa gusumba uko bitigeze biba mbere. Isi iriko iratembagara imanyagurika. Abantu baracitse abasazi neza. Turiko turabona ibintu twari twarumvise mu buzima bwacu bwose biriko birashika neza imbere y’amaso yacu.

Ubutumwa bwose twumva buza mu gihe kibereye kandi mu buryo butunganye kandi neza na neza ivyo dukeneye kwumva. Ni Ivyokurya vya Mpwemu mu Gihe Gikwiriye. Turahagijwe nuko atari ivyiyumviro vy’umuntu, nta n’ubwo ari Amajambo y’umuntu, ni Amajambo y’Imana Ivuga Iciye mu Muntu, Ihamagarira Umugeni waYo gusohoka. Dushobora kuvuga bivuye ibwina mu mutima wacu tuti:

. Ubu Butumwa ni Uko Niko Uhoraho Agize.
. Ni Inzira Imana Yatanze y’iki gihe.
. Ntibukeneye insiguro.
. Ni Amajambo yo kutihenda.

Kwumviriza uru rukurikirane rw’Ubutumwa kwabaye ikintu co hejuru cane gihambaye mu buzima bwanje. Nshaka gusangira gusa ijambo ku rindi n’abantu bose. «Mbega mwarumvise iri jambo… Sinigeze ndaryumva gutyo mbere… Numvirije irya bande kane mu minsi mikeya iheze kandi sinigeze ndabitahura nk’ukwo nabitahuye uno munsi. Ubu Butumwa ni ubw’ubu gusumba igihe bwavugwa haraheze imyaka 56. »

Nta kintu kibaho kingana n’umunezero wuzuye wo kumenya ko mwumviriza Ijwi ry’Imana Ritagira agatosi Ryagaragajwe. Ntibikenewe kumera magabo. Nta kamaro ko kwibaza uti, mbega ibi biri ku murongo w’Ijambo. Mbega ibi ni ivyiyumviro vyiwe canke insiguro yiwe ? Ntegerezwa kuja kubisuzumira kw’Ijambo.

Si twebwe, turicara gusa, tukisanzura, maze tukavuga AMEN kw’Ijambo Ryose, mu gihe tuzi ko ikintu cose turiko turumviriza ari UKO NIKO UHORAHO AGIZE.

Gusa ntivyoba vyiza gusumba canke ngo vyorohe gusumba ivyo.

Narasenze kandi narondeye Umwami maze Andongora kubandanyana n’ubu Butumwa buheruka umuhanuzi yavuze. Ndazi ko twumvirije ubu Butumwa bukurikira haraheze amezi makeya gusa, ariko igihe cose tubwumviriza Aduhishurira vyinshi gusumba.

Iyo niyumviriye Umugeni wiWe Akoraniye hamwe kw’isi yose, Arindiranye igishika cinshi gutangura Ubutumwa bwiwe, kwumviriza Imana Ivugana nawe biciye mu kanwa k’umuhanuzi waYo, ndanezerwa cane. Ni igiki Igiye kuduhishurira uno munsi?
Ni ikanguro rihambaye ririko riraba kw’isi yose. Umugeni Asemerera, Avuga Ati, “Dushaka kwumviriza amabande. Dushaka gufyonda tukavuza. Dushaka gufatanirizwa hamwe n’Umugeni kw’Ijambo.”

Duhujwe kandi twicaye hamwe mu nyonga h’Umwana, dukura, twiteguriye Izamurwa. Ndipfuza kubatumira ngo muze dukurire hamwe isamunani ku muhingamo, isaha ya Jeffersonville, mu gihe twumviriza Imana Ivugana n’Umugeni waYo kandi Izana Ubutumwa, Kristo Ahishuwe mw’Ijambo ryiWe bwite, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 22 myandagaro umwaka wa 1965 mu gitondo.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Kuvayo 4:10-12
Yesaya 53:1-5
Yeremiya 14:9
Malaki 4:5
Luka 17:30
Yohana 1:1
Yohana 1:14
Yohana 7:1-3
Yohana 14:12
Yohana 15:24
Yohana 16:13
Ab’i Galatiya 1:8
2 Timoteyo 3:16-17
Abaheburayo 1:1-3
Abaheburayo 4:12
Abaheburayo 13:8
Icete ca Kabiri ca Petero 1:20-21
Ivyahishuriwe Yohana 1:1-3
Ivyahishuriwe Yohana 10:1-7
Ivyahishuriwe Yohana 22:18-19