21-0905 Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe bw’Imana

Ubutumwa: 65-0718m Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe bw’Imana

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIRAKORANIRA HAMWE

Mukunzi Shengero ry’Ijwi r’Imana,

Turi Ishengero ry’Ijwi ry’Imana ryiWe, Umugeni Jambo wiWe mukundwa, biragoye kurindira kwumviriza ico Data Agiye kuvuga no kuduhishurira kur’uyu w’iyinga.

Dufise Ijwi ry’Imana Rizima ku masonga y’intoke zacu. Hamwe n’ugukorako rimwe kw’urutoke rwacu dushobora kwumva Imana Ivugira mu kanwa k’umuntu, Amajambo y’Ubugingo Budashira. Hamwe n’urutoke rumwe Avugana natwe kandi Aduhishurira amabanga yose yari yaranyegejwe kuva kw’iranguriro y’isi.

Hamwe n’urutoke rumwe Atwishura ikibazo ico ari co coe dufise mu mitima yacu. Hamwe n’urutoke rumwe Atubwira ikintu ico ari co cose dukeneye kumenya. Hamwe n’urutoke rumwe dushobora kwumva Ijwi ry’Imana Rivugana natwe kandi Riduha Ukuzamurwa mu Kwizera. Dukoresheje urutoke rumwe dushobora kwumva Imana Ivuga kandi Ikubwira Iti, « urakize indwara. »

Igihe umwansi atubwiye ko tutari Umugeni w’Imana, yuko ataco tumaze, hamwe n’urutoke turafyonda tukavuza kandi dushobora kwumva Data Avugana natwe kandi Akongera Akaturemesha Avuga ati, « MURI Umugeni Wanje Nahisemwo. Nabatoranije imbere y’Itanguriro y’Isi. »

Igihe twagabanukiwe muri mpwemu kandi umwansi adusugereje ahantu hose, hamwe n’urutoke rwacu dushobora kuMwumva Avugana na twe kandi Avuga mu buryo bwiyoroheje Ati, « Mwaramutse bagenzi, » maze amahoro ya Mpwemu Yera akuzura icumba.

Igihe twumva UMWANSI AVUGA ko turiko turakurikira gusa umuntu kandi mwamushize hejuru birenze ; hamwe n’urutoke rumwe gusa twumva Ijwi ry’Imana Ritubwira riti :

Yambwiye ko ni natuma abantu banyizera. Ivyo bisa n’ibitangaje kuri jewe gutegerezwa kuvuga ibi, « Muranyizeye ? » Ati, « Mbega ntimwotegerejwe kwizera Imana ? » Mutegerezwa kuvyizera. Mutegerezwa kwizera Imana no kwizera Kristo, no kwizera Mpwemu Yera. Hanyuma inyuma yo kwizera abo bose, Imana Ishaka ko munyizera.

Igihe umwansi agerageje kutubwira ati, “Si Ivyanditswe kandi ni bibi kuja hamwe mu mwanya munaka maze mukumviriza gusa amabande, » hamwe n’urutoke rumwe gusa twumva Imana Itubwira iti :

Kandi kuri iri shengero, no ku mabande, abantu ku mabande, n’abantu bari ku murongo mu bice bindi vy’igihugu, ndashaka ko mwumviriza ibi neza rwose, kandi ntimu bihushe.
Igihe umwansi avuze ko mweneData Branham yavuze kugumana n’Ijambo, atari amabande, hamwe n’urutoke rumwe twumva Ijwi ry’Imana RISEMERERA kandi Rivuga riti:

Kubw’ivyo mvuze, mw’Izina rya Yesu Kristo : Ntimwongereko ikintu kimwe, ntimukureko, ntimushiremwo ivyiyumviro vyanyu kuri Ryo, muvuge gusa icavuzwe kuri ayo mabande, mukore gusa neza na neza ico Imana Yategetse gukora, ntimwongere kuri Ryo!

Rirya Jwi Rinatubwira kuRisuzuma hamwe n’Ijambo kuburyo tudakora ikosa.

Ng’ibi ibintu bitanu vyanyu bisabwa. Bitegerezwa kuba ukwo.
. Umwanya wiWe.
. Igihe ciWe.
. Umuntu Yahisemwo.
. Bitegerezwa kuza ku muhanuzi.
. Umuhanuzi ategerezwa kuba umuhanuzi yagaragajwe.

Umuhanuzi wacu ni Yesu Kristo.

Ijambo ry’Igihe Ryagaragajwe ! Ijambo Ryagaragajwe mu gihe ca Mose Ryari Yesu. Ijambo Ryagaragajwe mu gihe ca Yesaya, Eliya, Yohana, bose, Ryari Yesu. Kandi Ijambo Ryagaragajwe iki gihe ni Yesu, uko Yari Ari ejo, n’uno munsi niko Ari , niko Azokwama ibihe bidashira.

Hamwe n’urutoke rumwe dushobora gufyonda tukavuza maze tukumva Yesu Kristo ubwiWe Avuga kandi Aduhishurira ko :

. Uwu ni wo mwanya,
. Iki ni co gihe,
. Uyu ni we muntu Yahisemwo,
. Uyu ni umuhanuzi Wanje,
. Uyu muhanuzi yaragaragajwe cane gusumba uwundi wese mu bahanuzi baNje.

Iki gihe, ntidufise Imana yo mw’Ijuru Ivugana natwe vyonyene, ariko Igerera, kandi Ibayeho Ubuzima bwaYo biciye muri twebwe. Birengeye ugutahura kwacu.

Reka twitegure ubwacu. Igihe kiri hafi. Turabona Ivyanditswe Bishika ku munsi ku munsi. Ubutumwa busomwa nk’amakuru y’iki gihe :

*« Ukuzazanirwa kw’iki gihe, ugucika ivutu hagati mu bihugu, za nyamugigima ahantu hatandukanye, ikiyaga gihinda, umutima w’umuntu uhakwa kumucamwo kubera ubwoba. »

N’ibidukikije bitubwira yuko iki gihe, mu gihe tubona ibihugu bisenyuka, isi yibira, ko ivyandiko biri ku ruhome.
Turabona Umugeni n’ukuntu Amerewe. Kandi turazi, turumva, ko Ishengero Ririko Riritegurira kugenda.*
Imana Ishimwe, turiteguriye kugenda. Hamwe n’urutoke rumwe gusa ushobora kwitegura ubwawe. Ndabatumiye kuza kwifatanya natwe kuw’iyinga isamunani ku muhingamo, kw’isaha y’i Jeffersonville, kwumviriza : Kugerageza gukorera Imana igikorwa atari ubugombe bwaYo, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 mu gitondo ukwezi kwa mukakaro umwaka wa 1965.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Gusubira mu Vyagezwe 4:1-4
Gusubira mu Vyagezwe 4:25-26
1 Ngoma 13
1 Ngoma 15:15
Zaburi 22
Uwera Mariko 7:7
Yoweri 2:28
Amosi 3:7
Malaki 3
Uwera Matayo 11:1-15
1Ab’I Korinto 13:1