21-0822 Uguhitamwo Umugeni

Ubutumwa: 65-0429e Uguhitamwo Umugeni

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIRAKORANIRA HAMWE

Mukunzi Mugeni w’Imana Watowe,
Data Yahisemwo Umugeni wiWe imbere y’itanguriro ry’isi. Yashaka Umugeni ashikama kw’Ijambo ryaYo naYo Ikamuhozako Inyonga zaYo.

Umugeni YoMwiyegurira n’Ijambo Ryasezeranywe, gushika aho Ivyiyumviro nyene vyari muri We vyoba muri bo. Boba umubiri umwe wiWe, amagufa amwe, Impwemu imwe, ikintu cose kimwe, bubatse neza na neza gushika aho abo babiri baba umwe.

Yashaka kubumba kamere yiWe nyene muri bo, kuko Ategerezwa kuba neza nka We. Yararindiriye kuva aho Yashize Adamu wiWe wa mbere na Eva kw’isi kugira ngo Ashumbushe Umugeni wiWe Atunganye. Yaramubundikiriye, Amugarukana ku kugaragara kwiWe kwuzuye; kuko bazoba Umugeni wiWe Jambo Ryavuzwe.

Igihe YaMubona, Yaranezerewe cane, amaherezo Yaronse Umugeni Atazogira imyumvikano kw’Ijambo Rimwe. Umugeni Atokekeranya na gatoya kuri Ryo, ariko ARifata ukwo Riri. Bazobwira isi ko Ridakeneye insiguro, kuko Ari Ijambo ry’Imana Ritagira agatosi.

Mu gihe Yaraba Umukenyezi wiWe mukundwa atunganye mutoya, Yari Amwishimiye, Yategerezwa gusa kuMwerekana. Kubw’ivyo Yahamagaye Umumarayika wa 7 wiWe w’inkomezi, ku buryo Yashobora kuMubona mbere. Yashaka kuMubona, no kuMwerekana, ku buryo yashobora kuMubwira gusa ukuntu Yari mwiza. Kubw’ivyo Yashobora kuMutera intege no kuMumenyesha gusa Uwo Ari We.

Rero Yafashe umumarayika wiWe maze Amushira ahantu hejuru ku buryo yashobora kuMubona mbere. Mu gihe yaraba Mpwemu w’Imana Yavuganye nawe maze Avuga Ati, “Ng’uyu Umugeni.” Yararavye, kandi Yabonye MWEBWE hariya. Umutima wiwe wari unezerewe.

Umwe wese muri MWEBWE yari yambaye, umwambaro w’igihugu canyu c’aho muturuka : Ubu Suisse, Ubudagi, kw’isi yose, igihugu cose. Imishatsi miremire nyayo myiza ipfungiye neza inyuma, amaboko n’amajipo amanuka neza. Kandi MWEBWE mwese mwatambuka ku mudiho “Ingo, basoda b’abaKristo, muje ku rugamba.” Mu gihe yaraba, Twatanguye gutambuka tuduga mu kirere; Twari Ijambo.

Urakoze Data. Ese ukuntu bitera intege imitima yacu uno munsi. TuraGukunda n’Ijambo ryaWe hamwe n’ibiri muri twebwe vyose. Twizeye Ijambo Ryose. Ubu Butumwa buradukwiye nk’ishesheti ryo mu kiganza.

Dushaka kuba Umugeni waWe Jambo Atunganye. Ntituzi ubundi buryo bwo gukora ivyo atari kugumana n’Ijambo ryaWe, iyi Manu Yanyegejwe Wasigiye Umugeni waWe kugira ngo Imutegure ubwiWe?

Turabona ko igihe cegereje. Isi inyiganyigira munsi yacu hamwe na za nyamugigima. Abamarayika batohoza bari ahantu hose. Isi iracuramye. Intambara, ukugwana, ukwica, imigera n’indwara ahantu hose. Umwansi yakajije ibitero adahagarika, agerageza kubabaza Umugeni waWe, ariko Umukenyezi waWe mukundwa Watoye ASHIKAMIYE kw’Ijambo ryaWe.

Dufashe Data kutava mu ntambuko. Ese twogumiza amaso yacu kuri Wewe kandi tukagumya Ikiganza caWe kidahinduka. Utwongerereze UKWIZERA kwacu, uduhe ivyo dukeneye. Ingo hamwe n’Umugeni wawe kuri uyu w’iyinga, isaha umunani kw’isaha y’i Jeffersonville, mu gihe tuzoba dukoraniye kw’Ijwi ryaWe ry’igihe maze tuKwumvirize Uvuga : Uguhitamwo Umugeni, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 29 ku mugoroba ukwezi kwa ndamukiza, umwaka wa 1965.

Iri ni isengesho ryacu Data :

Ewe Mana Yo mw’Ijuru, Girira imbabazi isi y’ivyaha n’abantu b’abanyavyaha, Mwami, nk’uko tumeze iri joro. Mana, ndiko ngerageza guhagarara hagati kandi nsaba imbabazi zivuye mw’ijuru, kugira ngo Uvugire muri iri shengero ry’abantu iri joro kandi ukwegere Umugeni waWE kumera magabo Mwami, kugira ngo ntagendere mu kimenyetso ca nemera iyo ari yo yose, kiretse Ijwi ry’Ubutumwa bwiza bw’Umwami Yesu Kristo. Ewe Mana, bituronse. Reka bimenyekane, iri joro, ko Uri Imana, kandi ko Ijambo RyaWe Ari Ukuri. Mu gihe, duhagaze ku mugaragaro, imbere y’aba bantu, tubahamagarira kumera magabo kw’ Ijambo RyaWe.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :

Itanguriro 24:12-14

Ivyahishuriwe Yohana 24:9