21-0801 Ukwemeza Ijambo Rya Yo

Ubutumwa: 65-0426 Ukwemeza Ijambo Rya Yo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIRAKORANIRA HAMWE

bakunzi Bana bashaka kwiga,
Mbega ahantu ho mw’Ijuru twari twicaye kuw’iyinga mu gihe Umugeni wa Kristo yakoraniye hamwe mu Nyonga ha Mpwemu Yera. Twashobora kuMwumva Agira mizima imibiri yacu ipfa.

Nta gusigwa guhambaye gusumba, canke ikirere gihambaye gusumba igihe Ufyonda Ukavuza maze ukwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana nawe. Imana Yatunganirije amatwi yacu kwumva no kwizera Ijambo ryose, kuko nta kindi atari El, Elah, Elohim, Uwibeshejeho, Uwihagije, Umunyenkomezi, Avugana n’umwe wese muri twebwe kandi Aduhishurira ko turi abahungu n’abakobwa biWe bagaragaye.

Mbega ukuntu vyari ivy’inkomezi mu gihe Urubuto rw’Imana rwatoranijwe, kw’isi yose, rwarambikanako ibiganza vyabo vyera. Ingo n’amashengero vyacu vyari vyuzuye Ukuba ng’aho kwa Mpwemu Yera. Ukwizera kwacu kwarubatswe, kuko twamenye Uwavugana natwe. Rero Yatubwiye ko zirya nkomezi zizana ubuzima zari MURI TWEBWE. Twarizeye n’imitima yacu yose n’ubugingo bwacu bwose, kuko niko Yavuze.

Rero Yatubwiye kuvuga ngo, « Mwami Imana, ndizera n’umutima wanje wose. » Twasubiyemwo Ijambo ryose kuva ibwina mu mitima yacu. Yavuze Ati, « Indwara ntishobora kwihangana mu mugwi nk’uyu. » Impwemu yacu yaranezerewe mu gihe twumva aya Majambo, kuko twamenye icariko kiraba.

Yavuze ati, « Abashaka Mpwemu Yera bose, muduze ibiganza vyanyu, AHO MURI HOSE abaMushaka… Ndizera ko Imana Ija kwuzuza Mpwemu Yera umwe wese muri mwebwe, UBU NYENE. » Uwo mwanya nyene, twarujujwe, kandi turasubira turuzuzwa Mpwemu Yera, Ijwi ry’Imana neza niko Ryavuze.

Rero kuri abo bari bakeneye ugukira mu mubiri wabo, Yavuze Ati, « Ndabategetse, mw’Izina rya Yesu Kristo guhagarara no kwemera ugukira kwanyu. » Muri uwo mwanya nyene, uwizera wese, kw’isi yose, yagize UKWIZERA kandi yizeye, YARAKIZE.

Mbega ibi vyabereye hehe ? Mu mugwi umwe mutoya w’abantu bari bakoraniye hamwe ? Oya, vyari KW’ISI YOSE mu gihe Umugeni Yicaye hamwe ahantu ho mw’Ijuru Yumviriza Ijwi ry’Imana ry’igihe cacu.

NTIBISHOBOKA ku muntu uwo ari we wese, canke umugwi w’abantu, guhuza Umugeni nka kurya. Mpwemu Yera Wenyene Ashobora gukora ivyo mu kuvugira mu ntumwa yaYo Yateguriye ico gihe. Ubu Butumwa ni NIKO UHORAHO AGIZE. Nta kwibaza, nta gucacisha. Imana Yaremeje ko iyi ari inzira yaYo yateguwe yo muri iki gihe.

Mbega uburuhukiro n’amahoro dufise. Ntidutegerezwa na rimwe kwiganyira canke gukekeranya ivyo twabwiwe. Nta na rimwe dutegerezwa gusubira kw’Ijambo kuRisuzuma, kuko twumviriza Ijambo ry’Imana Ryemejwe ry’igihe cacu. Turicara gusa, tukugurura imitima yacu, ivyiyumviro n’ubugingo vyacu, kandi tukavuga duti AMEN, AMEN, AMEN.

Oya, ntitubereye. Oya, ntidutahura ikintu cose. Ariko TWIZEYE Ijambo Ryose. Yavuze ko ico cari ikimenyetso c’ukuri ko mufise Mpwemu Yera, kandi k’Umugeni wiWe wenyene Azokwizera kandi Azogumana n’Ijambo ryose. TURI URYA MUGENI. Haleluya !

Bica hejuru y’abahambaye, abitwa abiyumvira vyimbitse, maze Akabihishurira abana biteguriye kwiga.

Ndakenguruka cane ko ndi umwana ashaka kwiga.

Yaremeje uko ibinjana vyakurikiranye Uwo Yari We mu gihe cose. Yaravyemeje mu bahanuzi baYo. Yaravyemeje igihe Yaza mu mubiri, Yakiriye ivyaha vyacu kandi Acumitwa imisumari ku musaraba, hanyuma Arazuka ubugira kandi maze Arungika Mpwemu Yera.

Ubu Yaravyemeje mu gihe cacu mu kugaruka no kwihishura ubwiWe mu mubiri w’umuntu ubugira kandi nk’ukwo Yasezeranye ko Yobikoze mw’Ijambo ryiWe. Yaremeje ubwiWe ko Ari Umwana w’umuntu, ibango ry’igikorwa ca Yesu Kristo ubwiWe, Yambaye umubiri w’umuntu.

Kandi ubu, igice ciWe ca nyuma, impamvu nyene y’iyi nteguro ihambaye, yo kutuzira twebwe, Umugeni waYo Yashumbushijwe rwose, Yemejwe, Yagumanye n’Ijambo.

Mbega wari gukunda kuba kuri urya musozi urya munsi igihe Yesu Yabwira abantu 5000? Wari gukunda kuMubona Yemeza isi Uwo Yari We mu gutanga imikate n’amafi? Wari gukunda kuba wicaye munsi ya kurya gusigwa, wumviriza gusa Ijwi ryiWe ryirura umutima wawe n’Amajambo yiWe y’Ubugingo Budashira?

Urabishobora, namba wizeye Ubu Butumwa n’umutima wawe wose.

Muze mwicare munsi y’ukwo gusiwa ku musozi hamwe natwe kuri uyu w’iyinga isamunani, isaha y’i Jeffersonville, maze mwumvirize Imana Yemeza isi Uwo Ari We mu gihe cacu. Luka 17:30 avugana namwe kandi ababwira ko B-R-A-N-H-A-M ari Ijwi Ryanje kuri mwebwe, Ryemejwe kandi Ryatowe. Muze mumwumvirize : Ukwemeza Ijambo ryiWe, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 26 ndamukiza umwaka wa 1965.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :

Matayo : 11:4-19/28;20
Mariko : 11:22-26
Luka : 8:40-56/17:30
Yohana : 14:12
Abaheburayo 4:12-15/13:8
Malaki 4