21-0725 Ahantu ho gusengera Imana Yateguye

Ubutumwa: 65-0425 Ahantu ho gusengera Imana Yateguye

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIRAKORANIRA HAMWE

Bakunzi Bagizwe bazima,

Ese ukuntu dukunda gukoranira hamwe buri yinga kugira ngo dukorere umunsi mukuru kuri Manu ya Mpwemu Yatanze kubw’Umugeni wiWe. Biduha inkomezi dukeneye z’urugendo rwacu. Ni Ubuzima nyene bwa Mesiya, bwagaragaye, butegura Ishengero ryiWe kubw’Izamurwa.

Inkingi y’Umuriro Yaduhamagariye gusohoka hanze, kandi Iturongorera mu Gihugu c’Isezerano, munsi y’ugusigwa kw’umuhanuzi w’inkomezi wiWe, William Marrion Branham.

MweneData Branham si Inkingi y’Umuriro. Ni umurongozi yasizwe, munsi y’Inkingi y’Umuriro. Inkingi y’Umuriro Igaragaza gusa Ubutumwa bwiwe hamwe n’ibimenyetso n’ibitangaza. Ni Mpwemu Yera wiWe Ahambaye Yagaragaye hagati muri twebwe kandi ni incuro ibihumbi gusumba abandi bahanuzi bose mbere.

Ntimushobora kubona Umwana w’umuntu, Umwana w’umuntu mw’ishusho ry’Ubutumwa bwavugishijwe, agaruka ubugira kandi mw’Ishengero ryiWe, mu buvugishwa, buhishura Yesu Kristo wawundi nyene ejo, uno munsi no mu bihe bidashira ? Ntivyari bwigere bikorwa mu bindi bihe, gushika muri kino gihe.

Ivyiyumviro vyacu vya mpwemu vyaraMutahuye. TuraMubona kandi twizeye Ijambo ryose. Ubu Butumwa, aya Mabande, ni Inzira Imana Yatanze yo gutahura kirya ciyumviro kiri hariya aho rurya rubuto rwatewe. Twarumvise rirya Jwi, n’Umuco waradukubise maze twakira Ubugingo.

Ritwicarika ahantu ho mw’Ijuru, UBU NYENE. Atari tuzoba, turi ubu. Twaramaze kuzuka, inkomezi hamwe n’ibikorwa vy’ubwenge bw’umuntu bigiye gukora. Vyatugize bazima mu Nyonga h’Imana, aho Mpwemu waYo ari. Si ivyo mugiye kuba, mwaramaze kuba. Ni umurwanizi gusa agerageza kubitwiba.

Ikibazo : Mbega mwaraje ku Bugingo ?
Inyishu : Ego
Ikibazo : Mbega Kristo Yacitse nyaWe kuri wewe ?
Inyishu : Ego
Ikibazo:Mbega Inkomezi z’Imana zaragaragajwe?
Inyishu:Ego
Ikibazo : Mbega uri muri rirya Shengero, Ishengero Imana Yatanze ?
Inyishu : Ego
Ikibazo : Umeze gute muri Ryo, uzi gute ko wagizwe muzima muri Ryo ?
Inyishu : Ivyiyumviro vyacu vyose, ukubaho kwacu kwose, biri muri Kristo. Kristo Ari hagati muri twebwe, Yemeza ubwiWe ko Ari Muzima, Yemeza ko Ari ng’aha.

Turi ubura bw’akara kiWe, n’igufa ryo mu magufa yiWe, umubiri w’umubiri wiWe, Izina ry’Izina ryiWe, Umugeni wiWe. Turi muri We. Turi umubiri wiWe n’amagufa yiWe.

Ntidushobora gupfa, twaragizwe bazima. Inkomezi zagizwe nzima zaratuzuye tuva mu buzima bw’icaha, kandi zahinduye ukubaho kwacu, zaratuzuye mu buryo butaraboneka muri Kristo Yesu, kandi, ukuzuka kuzotuzana ku kwera neza.

Twaravutse kandi twagizwe bashasha, twabatijwe na Mpwemu Yera, muri Yesu Kristo. Twagizwe bazima kw’Ijambo ryose. Tuvuga « amen » kw’Ijambo ryose.

Mu gihe dukoraniye hamwe muri Yesu Kristo, mu ciyumviro kimwe, n’inama imwe, ico dukeneye cose, namba tuzogira UKWIZERA maze tukizera, Azokiduha. Dutahure ko Azoba muri buri nzu zacu, amashengero yacu, canke aho hose dukoraniye, kuko turi abahungu n’abakobwa biWe, Ishengero Mugeni ryiWe.

Ndazi ko Ari ng’aha. Ndazi ntakekeranya ko Ari ng’aha. Ndazi ko hariho inkomezi zagizwe nzima zikwiye mw’Ishengero zo gukiza umuntu wese yicaye ng’aha.

Mbega murizeye Ubu Butumwa ? Mbega murizera ko ari Inzira y’Imana y’iki gihe ? Mbega murizera ko ari Umwana w’umuntu Yihishura ubwiWe mu mubiri w’umuntu ? Mbega murizeye Ijambo ryose ?

Namba mukeneye ugukira indwara kw’umubiri, ugukira kw’impwemu, canke IKINTU ICO ARI CO COSE mushobora kuba mukeneye, rero ndabasavye kwizera Ijwi ry’Imana ry’iki gihe cacu, ryasizwe kandi ryagaragajwe , Ijwi ry’Imana ry’igihe cacu:

Kora ku buryo ubu nyene izo nkomezi zitanga ubuzima, ziha ubuzima ukwizera kwabo, Mwami, mu vyo bariko barakora. Hariho uwizera yarambitse ibiganza vyiwe ku wizera, umubiri ku mubiri, inkomezi ku nkomezi. Kandi ni inkomezi z’Imana, z’umuhungu w’Imana canke umukobwa w’Imana, z’Umwana w’Imana. Ewe Mana, ese Satani yorekura aba bantu ! Bakire uyu muhingamo, mu nkomezi z’ukuzuka, inkomezi zitanga ubuzima z’Ukuba ng’aha kwamenyekanye, Yesu Kristo. Mw’Izina rya Yesu Kristo, bibe gutyo !

Muze dufatanirize hamwe munsi y’Ubutumwa : Ahantu ho gusengera Imana Yateguye, bwavuzwe kw’igenekerezo rya 25 ndamukiza umwaka wa 1965, kandi twakire ugukira indwara kwacu, dusigwe na Mpwemu Yera, tugire ubugingo bwacu bunezerewe mu gihe twicaye ahantu ho mw’Ijuru kandi twumviriza Umwana w’Umuntu Avuga kuri uyu w’iyinga isamunani ku muhingamo, isaha ya Jeffersonville..

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Gusubira mu Vyagezwe 16 : 1-6
Malaki 4 :5
Matayo 1 :23
Mariko 16 :17
Luka 17 :30
Yohana 4 :23/10 :1-7
Abaroma 8:1-11

1 Ab’ikorinto 12:13
Abanyefeso 1:21
Abatesalonike 4:16
Abaheburayo 13:8
Ivyahishuriwe Yohana 22:19