21-0718 Ukuvayo Kwa Gatatu

Ubutumwa: 63-0630M Ukuvayo Kwa Gatatu

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIRAKORANIRA HAMWE

Bakunzi Bahungu n’Abakobwa Bagaragajwe,
Biragoye kumenya aho twotangurira. Kwiyumvira ko twari twicaranye hamwe ahantu ho mw’Ijuru, kuva kw’isi yose, tunywa kuri Arya Mazi y’Ubuzima, ducika abahungu n’abakobw a biWe bagaragajwe. Ubu Butumwa buduha ugutahura kwuzuye, budushira mu kibanza cacu, kandi butubwira ABO TURI BO muri Kristo Yesu.
Ubu Butumwa bukora iki ?
« Kuko nabahaye umugabo, ngo ndabamushingire mumeze nk’inkumi itunganye. »
Imana Ishimwe, Imana Yarungitse intumwa mumarayika w’indwi wiWe kudushingira kuri We nk’inkumi itunganye. Tuzocirwa urubanza n’ijambo ryose YAVUZE. Ivyo bisigura ko mutegerezwa GUFYONDA MUKAVUZA.

Yanditse Bibiliya yaYo yambere mu kirere. Hanyuma Yanditse Bibiliya yaYo ya kabiri mw’ibuye. Bibiliya yaYo ya gatatu yanditswe ku rupapuro kubw’isi ihambaye, y’ubwenge bwo kwiga igiye kuza. Ariko uno munsi, umunsi w’uguhishura guhambaye, dufise Igikorwa giherahejwe caYo cuzuye kandi gitunganye, Ijwi ry’Imana nyene Rihamagarira Umugeni waYo gusohoka,biciye ku ma Mabande.

“Kandi UZOTWEREKANA ku Mwami Yesu igihe Azozira, nk’ibitsibo vy’ibango ry igikorwa CAWE.”

Kandi tuzosemerera duhuje umutima n’inama tuti,

« Ivyo turabizi ! Turaruhutse ata gukekeranya. Yavuze Ati, « UzoMutwereka, kandi rero twese tuzosubira kw’isi ubugira kandi, kubaho ibihe bidashira. » Ni nde Umugeni wa Kristo Yasemerereye kandi avuga ko yotwerekana ku Mana ? Umuhanuzi w’Imana mw’IBANGO RY’IGIKORWA CIWE. Ni gute udashaka kuvuza aya ma bande mw’ishengero ryawe ?
Ubu Butumwa bwonyene, aya mabande, ashobora gushira Ishengero muri uwo mwumvikano n’Imana, gushika aho ukugaragara k’Umukwe kugaragara muri twebwe. Namenya gute kubabwira « kugumana n’amabande, » nasubiye inyuma ku gicapo ndangamugambi kuraba ico umuhanuzi yavuze.

Nizigiye ko ubwenge bwa mpwemu bushobora kubitahura. Ndazi neza ko mwatahuye. Ariko ndibaza, hanze hariya. Ukwo bimeze kwose, ntimushobora kugendera buri gihugu. Mushobora kukirungikira amabande. Imana Izoronka uburyo bunaka bwo gufata irya mpwemu aho hanze hariya aho rurya rubuto rwatewe. Ni vyo. Kandi ako kanya Umuco urukubise, bwaciye, bufata Ubugingo. Nka wa mugore mutoya kw’iriba, yavuze ati, « Ng’ibi. » Yarabifashe.

Kuri twebwe ni ubuki mu gitandara, ni umunezero utavugwa, ni ivyizigiro bihezagiye, ni inanga y’ubugingo, ni ivyizigiro vyacu n’icicaro, ni Igitandara c’Ibihe, ni vyose.

Ivyiyumviro vyacu vya mpwemu birejejwe hose. Turazi neza na neza Uwo Ari We. Turazi neza na neza ico Ari Co. Turazi neza na neza abo turi bo. Turazi neza na neza aho tugiye. Turazi Uwo twizeye kandi tuzi neza ko Ashoboye kugumya ico twahawe kugeza kuri urya munsi.

Rero namba Imana Yaduhishuriye ko turi abaserukizi baYo, ubushobozi bwose buri mw’Ijuru, ico Imana Iri cose, Abamarayika baYo bose n’ubushobozi bwayo bwose buri inyuma y’AMAJAMBO YACU. Imana Itegerezwa kwubahiriza Ijambo ryaYo, kuko Yavuze Iti, “Ico muzohambira cose mw’isi, kizoba gihambiriwe mw’Ijuru. Ico muzobohora mw’isi, kizoba kibohowe mw’Ijuru. Kandi ndabahaye imfunguruzo z’Ubwami.

Ni igihe co kuja Muhira. Ukuvayo kuregereje. Imana Iriko Iratwereka Abantu abo ari bo. Umugeni wa Yesu Kristo azovayo ajanwe mu Gihugu Casezeranywe.

Mu Kuvayo kwaYo kwa mbere, Yabakuye mu gihugu gisanzwe, baja mu gihugu gisanzwe. Ukuvayo kwa kabiri, Yabakuye ahantu ha mpwemu, binjira mu mubatizo wa mpwemu, wa Mpwemu Yera. Ubu Idukura mu mubatizo wa mpwemu wa Mpwemu Yera, Idusubiza mu Bihe Bidashira, biciye mu Nkingi y’Umuriro imwe, biciye mu buryo bwo gukora bumwe busizwe, Imana Imwe Ikora ibintu bimwe!

Imiyaga ivuze induru. Ibihuhusi bijugumire, turi mu mutekano ibihe vyose. Turuhukiye hariya kw’Ijambo ryose.

Muze twifatanye kuw’iyinga isamunani ku muhingamo kw’isaha y’i Jeffersonville, maze turuhukire kw’Ijambo ryose Imana Yavuze kubw’igihe cacu. Twitegurire ukuza kwaYo kwa vuba maze twumvirize : Ukuvayo kwa Gatatu, Ubutumwa bwavuzwe mu gitondo kw’igenekerezo rya 30 ukwezi kwa ruheshi umwaka wa 1963.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Kuvayo 3:1-12
Itanguriro Igice ca 37
Itanguriro Igice ca 43