20-0906 Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena

Ubutumwa: 65-0123 Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIKORANIRA HAMWE

Mukunzi Mugeni ubiragira,

Ndakenguruka cane yuko tudategerezwa kwishimikiza ubwenge bwacu bwite, ariko dushoboye kwicara hamwe ahantu ho mw’Ijuru muri Mpwemu Yera maze tukanywa kw’Isoko y’Ubugingo yiWe idakama. Ni isoko y’amazi abiragira muri twebwe gushika mu Bugingo Budashira.

Biragoye kuri twebwe gutahura ukuntu umuntu munaka ashobora gushikira iyo Soko ya Arutwaze itagira agatosi yoshatse kunywa ku mureko wakozwe n’abantu, hamwe n’umuringoti wakozwe n’abantu, mw’itangi yakozwe n’abantu, n’akayungiro hejuru yayo ko gutangira udukoko tuniniya, mu gihe hariho Isoko yo kunyweramwo yagaragaye kuba Rifise Amazi y’umusarara ava ku ntebe y’ubwami y’Imana.

Turazi mu Gusoma Ijambo ry’Imana mu Butumwa Bwiza bw’Uwera Yohana yuko,

« Ubwa mbere na mbere Jambo Yariho, kandi Jambo Yahoranye n’Imana, kandi uwo Jambo Yari Imana. » « Kandi Ijambo Ryihaye umubiri, maze Ribana natwe. »

Yari Icabona c’Ukuri kandi c’Ukwizigirwa c’Ijambo rya Data Ahoraho. Yari Umuhanuzi kandi yoshoboye kuvuga gusa ico Data Yamutegeka kuvuga. Yavuze Ati, « Data Ari muri Jewe. » Nivyo Yesu Urusengero Yavuze Ati, « Data Ari muri Jewe. »

Ijambo Ritubwira mu Vyahishuriwe Yohana kudahindura Ijambo rimwe kuri ivyo, nk’uko Eva yakoze. Yavuze ko vyozana icaha n’urupfu.

« Ni hagira umuntu azokwungurira kuri yo, Imana Izomwunguka ivyago vyanditswe muri iki gitabu. Kandi ni hagira umuntu akura ku majambo y’igitabu c’ibi vyavugishijwe na yo, Imana Izomukura ku mugabane wa ca giti c’ubugingo no ku wa wa murwa wera, vyanditswe muri iki gitabu. »

Umuhanuzi wacu yatubwiye ko Ijambo ry’Imana Ridakeneye insobanuro. Imana Yarabivuze, Bitegerezwa gushika. Isigura Ijambo ryaYo bwite. Bibiliya Itubwira ko Ridasobanurwa nk’uko umuntu avyigombera. Yavuze Iti, « Ni habeho umuco, » maze umuco ubaho. Hanyuma Yavuze Iti, « Inkumi izosama inda, » yarayisamye. Ivyo ntibikeneye insobanuro n’imwe. Hanyuma Imana Yavuze Iti, « Mu minsi ya nyuma, nzosuka Mpwemu Wanje ku bari n’umubiri bose, » nuko Yarabikoze. Ivyo ntibikeneye insiguro iyo ari yo yose.

Ijambo Ritubwira kandi yuko buri gihe Imana Irungika umuhanuzi, kandi uwo muhanuzi avuga Ijambo ryaYo. Uwo muhanuzi yari Ijambo ry’ico gihe. Turazi kandi ko Ijambo ry’Imana Riza gusa ku muhanuzi waYo kandi uwo muhanuzi ni umusiguzi w’Ijambo avuye ku Mana. Rero umuhanuzi waYo ahishura iryo Jambo ku bantu. Abo bantu bizera Ijambo ryose. Iyo ni Imana mu bikorwa, Imana Igendagenda muri Mpwemu waYo.

Rero, muze tubisubiremwo :
• Imana ni Ijambo.
• Imana Ibwira Ijambo ryaYo umuhanuzi waYo Idacishije ku ruhande.
• Umuhanuzi avuga Ijambo ry’Imana, atari ijambo ryiwe, Ijambo ry’Imana.
• Umuhanuzi ahishura Ijambo ry’Imana ku bantu.
• Ijambo ry’Imana ntiRikeneye insiguro.
• Abantu baraRyizera.
• Iyo ni Imana mu bikorwa.

Rero ni « NAFYONDA NKAVUZA » nzoba ndiko ndumviriza :

• Imana Ivugana nanje Idaciye iruhande.
• Ijambo ryaYo.
• Ryavuze biciye mu muhanuzi waYo.
• Ridakeneye insiguro.

ISHIMWE, twaracakiye Imbono.

Kwumviriza ubu Butumwa ni inzira yashizweho n’Imana ku Mugeni waYo muri iki gihe. Bwarafashwe kandi bwarabikiwe Umugeni waYo kugira ngo Anywe kw’Isoko ya Arutwaze. Kwumviriza ubu Butumwa ni ukwicara munsi y’ahantu heza woshobora kwicara, kuko ni Ijambo ry’Imana nyene Ryavuzwe Ridaciye iruhande kuri twebwe Rivuye ku Mana.

Iyo ni yo yari integuro y’Imana ku Mugeni waYo muri iki gihe.

Muzoze tuje hamwe kw’isaha y’indwi ku muhingamo isaha y’i Jeffersonville maze tunywe kuri Iyo Soko Idakama y’Ubugingo mu gihe Itubwira yuko tudategerezwa kunywa ku Vyobo Vyatobotsemwo Imishwena 65-0123; Yaraduteguriye Amazi y’Umusarara avuye mw’Isoko yaYo.

MweneSo Joseph Branham.