20-0821 Inkukuma Zirakoranira Hamwe

Bakundwa Mwahezagiwe,

Ni ibiki vyabaye ku munsi w’iyinga igihe twari dukoraniye hamwe twese, twumviriza Ijwi Ry’Imana Rivugana natwe ? Twategetswe kurambikanako ibiganza. Hanyuma Imana Ivugira mu ntumwa yaYo maze Ivuga Iti :

Ndirukanye umurwanizi. Satani, nta kindi uri atari umuhumvyi, kandi washizwe ahagaragara aha nyene hagati mu bantu, kubw’ikimenyetso kiva mu Vyanditswe ca Yesu Muzima Yazutse. Ndagutegetse, kubw’Imana Nzima, va muri aba bantu kandi ubareke bigire, biheshe icubahiro Imana.

Ubu, kubera yuko twamenye Ijambo Ryiwe Ryagaragajwe, kandi Rikora neza na neza ivyo we Yavuze ko bizokoreka, Satani yashizwe ahagaragara, maze arirukanwa kandi arasohorwa.

TWARIZEYE, RERO, TWESE TWARAKIZE INDWARA!

Nta kintu na kimwe gifise inkomeze nk’Ijwi Ry’Imana Rivuga Ijambo RyaYo. Ariko si ivya bose, ni ivy’abo gusa bamenye kandi bizeye ko ari Yesu Kristo uko Yari Ari ejo, n’uyu munsi ni kwo Ari, no mu bihe bidashira.

Iyo muba mwarabayeho haraheze imyaka 2000 maze mukaja mw’ishengero aho Yesu Yariko Aravuga, mukaza imbere yiWe mukavuga muti, “Yesu, hari ico nkeneye, ngirira ubuntu. Naramenye Uwo Uri We, Vuga Ijambo maze nca nakira ico nkeneye.” Igihe Yagusengera, umutima wawe wari kwuzura umunezero, kuko wari kumenya ko ATA NA KIMWE cari kwitambika mu nzira y’isengesho ryiWe.

Imana YARATEGUYE inzira kubwacu yo gukora ivyo neza na neza. Ishengero dushobora kujamwo aho Yesu We nyene Avugira. Bamwe ntibemera ko ari ishengero, ariko n’ubwo biri ukwo, ni ishengero.

Turabafise mu gihugu cose, bari kumwe natwe mu buryo bw’amaterefone rirya joro, buri ibirometero amajana atatu hari imwe mu mashengero yanje. 65-1127b Kugerageza gukora igikorwa atari ubugombe bw’Imana

Asangwa mwipfuza ko Yesu Avugira mw’ishengero ryanyu ryo mu nzu, canke ishengero ryanyu aho mwese mushobora gukoranira, ndabatumiriye kumviriza Elohim Avugana namwe atawuciyemwo. Biroroshe cane, FYONDA MUVUZE.

Umunsi w’iyinga uza, Azongera Avugane natwe maze Yitwikurure ubwiWe imbere yacu, yemeza ko We Ari Yesu Kristo Yazutse. Azonatubwira ivyerekeye ivyo Zakayo yiyumvira vyose urya munsi aho yurira mu giti ngo abone Yesu. Ukuntu yariko arahanagura imicafu ku mpuzu ziwe nshasha akaba yari yagize uduhwa ku mavi yiwe no mu ntoke ziwe zose. Ukuntu yari yicaye aho gusa adutoragura, arindiriye uwo bita umuhanuzi ngo aze. “Ntawuza ku mbona niYaca muri irya nzira. Niyakatira mu mfuruka, ndaza gufata ikibabi kinini hano, kugirango nze gushobora kuraba ngo ndaMubone.”

Ukuntu impumyi Barutimeyo yaryamiriye hanyuma agashika acerewe kirya gitondo, kubera yuko ijoro ryose yari yaraye arota ashobora gusubira kubona. Yari yigaraguye mu gitanda ciwe, kuko yiyumvira ko ashobora kubona, ariko rero yaratahuye ko yari indoto gusa.

Ukuntu nyina, umuyudakazi nyawe w’akaranga, yamuhamagara hafi isaha zibiri zo mw’ijoro, “Barutimeyo.” Hanyuma yaca asohoka imbere y’inzu akazana intebe inyeganyega ya kera, maze akamuterura mu maboko yiwe maze akamubwira amakuru yo muri Bibiliya. Yoo ese ukuntu yakunda gusa izo nkuru zo muri Bibiliya.

Igihe yari aryamye hariya kirya gitondo, ku rutare nyene Yehova nyene Yari Yarasatuye Arukura ku mpome mu gihe ca Yosuwa, yiyumviriye ati, “Aha nyene, kuri kano kabarabara aho ndi, abahanuzi bahambaye kandi b’Inkomezi Eliya na Elisa, baje bafatanye ukuboko bamanukana iri barabara nyene. Iyo mba narashoboye kuba muri kirya gihe gusa, nkaba naricaye ng’aha, nari kuba narirukiye abo bahanuzi, nkikubita hasi maze nkavuga nti, ‘Yoo, muhanuzi w’Imana! Nsengera, maze Yehova Arampumura.’”

Nk’uko Imana Yateguriye Barutimeyo kirya gihe, niko Imana Yaduteguriye natwe muri iki gihe.

Nipfuza gusubira kubatumira kwifatanya natwe kuri iyi mpera y’indwi. Ndabemereye ko bizoba nk’isoko ry’amazi ripfunduruwe, ridudubiza amazi gusa; kandi uko ridudubiza amazi, niko ayo mazi atera akanya kandi aba apfutse.

Ku munsi wa gatandatu mu gitondo, tuzokwumviriza Mbega Yesu ni Nde? 64-0620B, igihe kizoba kiboroheye.

Hanyuma ku munsi w’iyinga, tuzokoranira hamwe twese isaha indwi zo ku muhingamo mu masaha y’i Jeffersonville kugira ngo twumvirize : Imana Ifise Umwagazi W’Intama Wateguwe 64-0620E.

Mbega hashobora kuba iki mu gihe dukoraniye mu Nyonga z’Imana?

MweneSo Joseph Branham