20-0816 Kuba Ahantu kw’Imana Kutamenywe

Ubutumwa: 64-0618 Ukuba Ahantu kw Imana Kutamenywe

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Inkukuma Zirakoranira Hamwe

Bakundwa BeneData na Bashiki bacu,

Imana Idufashije, hamwe n’Ijambo RyaYo, kandi twisunze Ijambo RyaYo, Umuhanuzi w’Imana Yazanye Yesu Kristo neza ng’aha imbere yacu mu gufyonda tukavuza. Ku Mugeni wiWe, ni Yesu Kristo ukwo Yari Ari ejo, n’uyu munsi no kwo Ari, no mu bihe bidashira.

Abandi bafise amaso, ariko ntibashobora kubona, ntibashobora no kwizera. Bumva umenga dusenga umuntu, Ariko dusenga Imana Ihishijwe mu muntu waYo Yitoranirije. Kuri twebwe, ni Imana Ihambaye Iriko Irahishurwa imbere yacu nk’uko Yasezeranye ko Izobikora mw’Ijambo RyaYo.

Yesu Yababwiye Ati, “Sesa mu Vyanditswe,” kugira ngo bamenye igihe babamwo. Aho ni ho bari kubona ko Yariko Arashitsa Ijambo Ryose Ryari Rimwanditseko.

Ubugira kandi, muri iki gihe cacu, Yatubwiye Ati, “Sesa mu Vyanditswe,” soma Malaki 4, Ivyahishuriwe Yohana 10:7, Luka 17:30, na Uwera Yohana 16:30 kuko hatangaza neza Uwo Nari We n’Uwo Ndi We muri iki gihe. Twarasomye mu Vyanditswe kandi twizera ko umuhanuzi waYo yashikije buri Jambo. Ni Imana Yihisha Yo nyene, hanyuma Ikihishura Yo nyene ku bantu bazoYizera.

Uno munsi, inyuma y’imyaka ibihumbi bibiri, tubona Wa Yesu Kristo nyene mu nkomezi z’ukuzuka kwiWe, Ahagaze muri twebwe, Akora ibintu Yakoze kirya gihe kandi Yasezeranye gukora mu gihe cacu : Umwana W’Umuntu Aba mu mubiri Ahishurira Umugeni wiWe Ijambo RyiWe.

Mbega akaryo dufise muri iki gihe, guhagarara mu Nyonga Ziwe nk’uko babigize kirya gihe. Kandi n’aho biri uko, kubera ivyiyumviro vya benshi, baVyigiza hirya kubera yuko batamenya Inyonga ZiWe, ivyo Yasezeranye gukora muri iki gihe.

Murashobora kwiyumvira kutagira akaryo mufise ko kwumviriza Rirya Jwi mw’Ishengero ryanyu? Umuntu ababwira nk’uko babwiye Umwamikazi w’i Sheba bati, “Ubu, mwana wanje, ntushaka kwivanga na barya bantu, ntidukorana n’urya muvyuro mu kuvuza amabande mw’ishengero, ntiwari ukwiye kuja hariya. Ivyo n’ibintu vy’ubuyobe. Barya bantu bavuga ko bizera BURI JAMBO riri kuri ayo mabande, ni Icishimikizo ntayegayezwa cabo. Iyo haba hari ikintu nk’ico kiriko kiraba, cobaye aha nyene mw’ishengero ryacu hamwe n’igikorwa c’Imana.”

Imana, mu gihe ico ari co cose, igihe Yarungika Ubutumwa bwaYo, ariBwo Bwari Ijambo RyaYo, kandi IkaRigaragariza muri ico gihe; abantu baBwizera, cari igihe gihambaye kuri bo; abantu bataBwizera, baja mu kajagari. N’uko vyamye.

Twaramenye kandi twarizeye ko Imana Yo mw’Ijuru Yatwiyeretse mu buryo bw’Ijambo RyaYo. Ni Ijambo Ryasezeraniwe iki gihe Ryagaragajwe. Si Ijambo Ryasezeraniwe igihe ca Mose, canke ikindi gihe ico ari co cose, Ijambo Ryasezeraniwe iki gihe. Ni Ibintu Bishika Muri Iki Gihe Bisigurwa n’Ubuvugishwa, bitubwira ko Uburongozi bwacu ari Kristo Yagaragajwe Mu Bihe Vyose, arikwo Kuba Ahantu kw’Imana Kutamenywe.

Ubuvugishwa bwarashikijwe. Uburongozi bwiWe Bwarahishuwe. We nyene Yarimenyekanishije kuri twebwe mu gihe cacu. Ku munsi w’iyinga isaha indwi zo ku muhingamo mu masaha y’i Jeffersonville tuzokoranira hamwe maze twumvirize Ijambo aho Atubwira Ati : Kuba Ahantu kw’Imana kutamenywe 64-0618.

MweneSo Joseph Branham

Ibisomwa vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa

Uwera Matayo 12:38-42

Luka 17:28-32

Gusubira mu vyagezwe 18:15