20-0722 Inkukuma zikoranira Hamwe

Mukundwa Mugeni,

Ukuza kw’Umwami kuriko kutubera nk’ibiboneka umunsi ku munsi. Turabona ubuvugishwa bushitwa ku mpande zacu zose. Iminsi yacu ng’aha iraharuye. Dukeneye kwegeranya ivyacu maze tukitegurira kirya kintu gihambaye kiri hafi gushika.

Ubu buzima busa n’ubwaheze, dutegerezwa kwitegurira kubandanya ubu buzima nyene, ariko mu yindi si, ahandi hantu Ariko Aradutegurira. Kubw’ivyo, dukwiye gusuzuma ubuzima bwacu buri munsi, dusemerera tuti, “Mana, Jana kure yanje ikintu cose kidasa naWe. Nkeba kuri iyi si
canke ku bintu vy’isi. Ndashaka kuba niteguriye Inzu yo mw’ijuru nshasha yanje Wagiye gutegura. Ndashaka kuba urya Mugeni Jambo Ugiye kuzira.”

Reka tuMwambaze umunsi wose maze tuMubwire tuti, “Mwami, Ntegura, Ntegurira ukuza kwaWe.” Ariko reka tugire n’ico dukoreye hamwe. Reka duhurire mu masengesho isaha zidantadu zo ku murango, isaha icenda zo ku murango hamwe n’isaha cumi na zibiri zo ku
mugoroba mu masaha y’i Jeffersonville, aho tuza gukoranira hamwe maze tuMurungikire umubavu umota neza mu kuMubwira tuti, “turaGukunda Data, kandi tumeze magabo turanarindiriye, twitegurira Ukuza kwaWe kwegereje.”

MweneSo Joseph Branham