20-0715 Inkukuma Zirakoranira Hamwe

Bakundwa Batsindanishirijwe,

Asangwa ufise Ubugingo Budashira, wari a… mu Mana isi itaranabaho. Wari igice, Umwana w’Imana, kimwe mu bigize Imana. Yari Izi igihe kanaka wari kubamwo. Yagutoranirije ico gihe, gufata kirya kibanza, kandi ntawundi yogifata; naho hoba abigana canke ibindi. Utegerezwa kuba hariya, kuko Yari Izi ko wobaye hariya. Ubu waragaragajwe. Ubu ushobora gufatanya na We, kandi ivyo nivyo Ashaka. Yipfuza rwose ugufatanya, guhimbazwa.

Ese ukuntu turi abantu bagiriwwe ibakwe. Yaduhaye Ubugingo Budashira, none ubu Yaratugaragaje kugira ngo dufatanye na We. Kwiyumvira yuko, Yipfuza rwose gufatanya natwe no guhimbazwa n’umwe wese muri twebwe. “Data, mbega twokwatura gute n’indimi zacu z’abantu uko tuGukunda kandi tuGushimira?”

Nk’uko twabikoze mu ndwi iheze, ntituze gukoranira hamwe ku mugoroba mu bikorane vy’amasengesho gusa, ariko reka tugire igikorane c’amasengesho umunsi wose, dufatanya kandi duhimbaza na Data. Turaza kuyaga na We hanyuma tuMuvugishe umunsi wose nk’Umugenzi.

Akazi ntikadutangira. Abana ntibadutangira. Ivyo twoba dufise vyo gukora vyose uno munsi ntibidutangira ; tuza kugira yubile tuMuhimbaza kandi dufatanya na We umunsi wose, mbega umunsi uhambaye umwe wese ahava agira.

Mutegure amakaramu yanyu atukura kugira muze kwandika mu makaye yanyu.

MweneSo Joseph Branham